×
JEWE NDI UMWISLAMU

JEWE NDI UMWISLAMU[1]

Ryanditswe na Dogiteri Muhammad mwene Ibrahimu Al-hamd

Jewe ndi umwislamu, bisigura ko idini ryanje ari ubwislamu;Ubwislamu na bwo, ni ryo dini rihambaye rikaba n'iragi ry'Abavugishwamana (ba nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) bagiye bahererekana kuva ku wa mbere muri bo gushika ku wa nyuma.Burya ijambo ubwislamu rero, rifise insiguro zihambaye n'akamaro kanini;Na ryo rikaba risigura ukwicisha bugufi mu kugamburukira no kwumvira Imana Rurema.Rirongera rigasigura kandi amahoro, umutekano, ukuroranirwa mu buzima, kugira iteka n'itekane, hamwe rero n'uguhimbarwa mu buzima bw'umwumwe ku gatwe kiwe no mu bwa bose muri rusangi.

Ni kuri iyo mvo rero, usanga amajambo "As-Salaam" na "Al-Islaam" akoreshwa kenshi mu mabwirizwa y'ubwislamu.Ijambo "As-Salaam", ni izina rimwe mu mazina y'Imana Allah;"As-Salaam", ni yo ndamutso y'abislamu hagati yabo;n'indamutso y'abantu bo mu Bwami bw'ijuru, ni iy'amahoro nyene "Salaam".Umwislamu w'ukuri na we, ni urya abislamu batekaniwe mu kutabangamirwa n'akarimi kiwe hamwe n'ukuboko kwiwe;ubwislamu rero, ni idini ryaje ku neza y'abantu bose ata n'umwe avuyemwo; ni na ryo ribabereye, rikaba ari na ryo kandi nzira y'ukuroranirwa kwabo kw'isi no mu buzima bw'inyuma yo gupfa;Kuri ubwo rero, ubwislamu bwaje buhetura ayandi madini, buhurikiyemwoivyankenerwa vyose ku bantu, buratomoye mu nsiguro yabwo, bushoboye kwakira umuntu wese ata kuvangura ngo bwubahirize ubwoko runaka kurusha ubundi, ata n'ukwubahiriza ibara ry'uyu kurusha iry'uwundi, ahubwo abantu bose bubafata kumwe;nta n'umwe akwiye kwubahwa kurusha uwundi mu bwislamu, kiretse ku rugezo rw'ivyo yubaha akubahiriza mu nyigisho zabwo.

Ni kuri iyo mvo rero abantu bose bafise imishaha itunganye, babwemera kuko buhuye n'ukwemera-ndemanwa;burya umuntu wese avuka arangwa n'ivyiza, ukugendera ubutungane, ukwigenga, ugukunda Imana yiwe Rurema Allah, yemanga ko ari Yo Ikwiye kwiyegerezwa mu vyo akora vyose, Ikanasengwa ari Imwe Rudende ata kubangikanywa na kimwe mu biremwa;nta n'uwuhusha iyo nzira y'ukwemera-ndemanwa kiretse ku mvo ziturutse ahandi ziheza zikamuhindura akayihusha.Iri dini rero, ni ryo Imana Allah Yashimiye abantu bose ko barikurikira, Yo Yabaremye, Ikaba n'Umubungabunzi wabo, Ikwiye ko bayisenga.

Idini ryanje ry'ubwislamu rinyigisha ko nzoba kuri iyi si; mu nyuma yo gupfa kwanje naho, nkaja mu buzima bundi, na bwo bukaba ari ryo cumbi ryamaho, aho iherezo ry'abantu rizoba ari mu Bwami bw'ijuru canke mu muriro udahera.

Idini ryanje ry'ubwislamu kandi rintegeka kwubahiriza ibitegetswe gukorwa, rikanyihanikiriza gukora ibibujijwe gukorwa.Iyo rero nubahirije ivyo bitegetswe gukorwa nkareka na birya bibujijwe gukorwa, ndaheza nkaroranirwa mu buzima bwo kw'isi no mu bw'inyuma yo gupfa;iyo naho ndavyanjanjweko, nshikirwa n'amagorwa mu buzima bwo kw'isi no mu bw'inyuma yo gupfa ku rugezo rungana n'ivyo nanjanjweko n'ivyo nirengagije.

Igihambaye rero ubwislamu buntegeka, ni ukwemera Imana Imwe Rudende mu kutayibangikanya na kimwe,kuko nemanga ku mutima nkatura n'ururimi ata makenga ko Allah ari We Yandemye, Akaba n'Imana yanje Ikwiye gusengwa;siniyegereza rero ikintu na kimwe mu vyo nkora vyose nkanasenga atari Imana Allah mu kugaragaza urukundo ndayikunda, no mu kwerekana ubwoba mfise ku bihano vyayo, no mu kwerekana ko nizigiye impera zayo, hamwe rero no kugaragaza ko ari Yo nizeye mu kuyishimikiza mu vyo nkora vyose.Ukwo kwemera Imana Imwe Rudende mu kutayibangikanya na kimwe rero, kubonekera mu kwemanga ko ari Yo Nyahagwe, n'uko Umuvugishwamana wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarungitswe na Yo vy'ukuri.Muhamadi rero, ni we Muhetuzi w'Abavugishwamana, Imana Allah Yamurungitse kugira abe impuhwe ku biremwa vyose, maze Imusozerezako ubuvugishwamana n'ubutumwa, nta Muvugishwamana Izorungika mu nyuma ziwe.Ni ukuri, yaje azanye idini rihurikiyemwo vyose, idini rishobora kwubahirizwa n'abantu uko bari kwose, mu bihe vyose n'aho bazoba bari hose.

Idini ryanje ry'ubwislamu rero, rintegeka kandi n'ukwemera ata gushidikanya abamalayika hamwe n'Intumwa zose, uhereye ku Nararibonye muri zo: Nuhu, Ibrahimu, Musa, Isa mwene Mariyamu, hamwe rero na Muhamadi (za nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah).

Riranantegeka kandi kwemera Ibitabu vyamanuwe ku Ntumwa hamwe rero no kwubahiriza icamanuwe mu nyuma yavyo kikabihetura kikanabiganza, na co kikaba ari Qor'ani ntagatifu.

Idini ryanje kandi rirantegeka n'ukwemera umusi w'iherezo abantu bazohemberwako ibikorwa vyabo bakoze;rirongera rikantegeka n'ukwemera ivyagezwe, hamwe rero n'ugushimishwa n'ibinshikira vyose muri ubu buzima bwo kw'isi, vyaba ivyiza canke ibibi muri vyo; riranantegeka no kwifashisha ibisabwa bishoboka kugira nkire (ndokoke) akabi n'akabibi.

Ukwemera ivyagezwe rero, biranduhura bikanantururuza ku mutima, bikandemesha ngaheza nkihanganira ibinshikiye vyose ata kwicuza ku vyandenganye bikancika;Ivyo biri ukwo, kuko jewe nzi neza na neza ko ibinshikiye bitari kumpusha, n'uko ibimpushije bitari kunshikira.Burya ikintu ici ari co cose rero, caragezwe mu kwandikwa n'Imana Allah, nta co nsabwa gukora atari ukwifashisha ibisabwa bishoboka, ngaheza ngashimishwa n'ibikurikira mu nyuma y'aho.

Ubwislamu buntegeka gukora ibikorwa vyiza vyeza umushaha, kurangwa n'ingeso n'imigenzo myiza ishimisha Imana yanje Rurema Allah, ikanyeza nanje nyene, ikanampimbara ku mushaha (ikampa urweze n'akanyamuneza ku mushaha), ikanyagurira igikiriza nkihanganira ibinshikiye, ikamurikira n'inzira y'ukuri, igatuma mba umuntu kirumara mu bandi.

Ibihambaye muri ivyo bikorwa vyiza rero, ni : ukwemera Imana Imwe Rudende Allah ata kuyibangikanya na kimwe; ugusenga amasengesho atanu umurango n'ijoro; ugutanga ishikanwa-bwirizwa ku matungo; ugupfunga ukwezi kumwe mu mwaka, na kwo kukaba ari ukwezi kwa Ramadhani, hamwe rero n'ugushengerera ingoro ntagatifu iri i Makka, ku wubishoboye.

Ibindi biri mu bihambaye idini ryanje rimpanura rikampamagarira kubikora, bikaba vyagura igikiriza c'umuntu, ni : ugusoma kenshi Qor'ani, ari na yo majambo y'Imana Allah, akaba n'ukuri kudahinyuzwa, amajambo meza kandi ahambaye, akubiyemwo (ahurikiyemwo) ubumenyi bw'ab'aho hambere n'abazokurikira.Isomwa ryayo hamwe n'ukuyumviriza bitera ituze umushaha, iteka n'itekane hamwe no kuroranirwa, n'aho uwuyisoma canke uwuyumviriza yoba atazi icarabu canke atari umwislamu.

Biri mu bihambaye vyagura igikiriza c'umuntu maze akihanga: ugusaba kenshi Imana Allah, kuyitura igihe cose maze ukayisaba kirya cose ukeneye caba gito canke kinini.Burya Imana Allah, Yumvira uwuyisavye akayitumbera Yo Yonyene akongera akarangwa n'izirikanamana mu bikorwa vyose vyo kuyiyegereza mu kuyisenga.

Biri mu bihambaye vyagura igikiriza c'umuntu maze akihanga : ukuninahaza no gutazira kenshi Imana Allah Nyeniteka n'icubahiro nta ngere.

Ni ukuri, Umuvugishwamana wanje (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarandongoye mu kunyereka ukungene itazira n'ininahazamana rikorwa, yarananyigishije n'amajambo meza cane akoreshwa muri iryo tazira n'ininahazamana.Muri ayo majambo, twovugamwo amwe muri yo: Amajambo ane ahambaye kuruta vyose havuye Qor'ani, na yo ni : "SUB-HAANA LLAAH, WAL-HAMDU LILLAAH, WALAA ILAAHA ILLA LLAAH, WALLAAHU AKBAR". (Ininahazwa ni iry'Imana Allah, n'ishimagizwa ni iry'Imana Allah, nta mana y'ukuri ibwirijwe gusengwa atari Imana Imwe Rudende Allah, ni na Yo Nkuru nikuzwe).

Irindi jambo ni : "ASTAGH-FIRU LLAAH, WALAA HAWLA WALAA QUWWATA ILLAA BILLAAH". (Ndasavye Imana Allah Imbabarire, nta n'ubuhinga bwo guhunga ibicumuro eka nta n'inguvu zo gukora ibitegetswe kiretse mu gihe nshobojwe n'Imana Allah).

Ayo majambo rero, arafise ingaruka nziza itangaje mu kuremurukirwa mu gikiriza maze umuntu akihanganira ibimushikiye, hamwe rero n'ukugira ituze mu mushaha.

Ubwislamu rero, buntegeka kwiyubaha ku rugero rwo hejuru, nkigira kure y'ico cose cotirimutsa ubuntu n'icubahiro canje;burongera bukantegeka no gukoresha ubwenge n'ibihimba vyanje mu vyo naremewe gukora mu bikorwa vyiza ngirakamaro mw'idini ryanje no mu buzima bwanje bwo kw'isi.

Ubwislamu buranantegeka kurangwa n'impuhwe, ingeso n'imigenzo myiza, kubana neza n'abandi, kugirira neza ibiremwa ku rugero nshoboye mu mvugo n'ingiro.

Ibihambaye cane mu vyo nategetswe kwubahiriza mu burenganzira n'agateka k'ibiremwa, ni ukwubaha nkubahiriza agateka k'abavyeyi; kuko idini ryanje rintegeka kubafasha mu bugwaneza, kubipfuriza ineza, kwitwararika kwama bahimbawe, hamwe rero no kubabera kirumara, na canecane iyo bageze mu zabukuru.Ni kuri izo mvo rero ubona abavyeyi mu miryango y'ikislamu, bahabwa ikibanza c'iteka kiri ku rugero rwo hejuru, bakongera bagahabwa n'icubahiro nta ngere, bakanakorerwa n'abana babo ivyankenerwa vyose.Igihe cose rero abavyeyi bageze mu zabukuru, canke barwaye, canke bamugaye, abana babo baraheza bakarushirizaho kubafasha mu bugwaneza.

Idini ryanje rirananyigisha kandi ko umukenyezi afise icubahiro nta ngere n'agateka gahambaye.Burya abakenyezi mu bwislamu, ni gishiki na gisaza (bashiki b'abagabo) mu gateka no mu cubahiro bahabwa, na kare intore gusumba abandi mu bantu ni intore ku muryango wayo.Umwislamukazi rero, mu bwana bwiwe arafise agateka ko kwonswa, kwitwararikwa no guhabwa indero nziza, muri ico gihe aba ari umwana mu bandi ahimbara ijisho, akaba n'icamwa camuka ku mushaha w'abavyeyi na basazawe.

Iyo akuze naho, araheza akubahwa akitabwaho n'uwumuhagarikiye akanamubungabunga mu kumukingira;Umuhagarikizi wiwe, ntashima ko hari uwomukomakoma mu kumugirira inabi; nta n'uwomuvuga nabi, eka nta n'uwomuraba ijisho ry'agahemo.

Iyo arongowe naho, arongorwa kw'ijambo ry'Imana Allah no kw'isezerano ryayo riremereye,maze akaja mu nzu y'umugabo, nya mugore akagumana agateka ko kwubahwa kurusha umubanyi;afise n'agateka ko kwubahwa akubahirizwa n'umugabo wiwe, agafatwa neza mu bugwaneza nta ngere, akanakingirwa ico cose coza kimubangamira.

Iyo ari umuvyeyi naho, ukwubahwa no kwubahiriza agateka kiwe, bibangabanganwa n'ukwubaha no kwubahiriza agateka k'Imana Allah; uguhonyanga agateka kiwe no kumubangamira, kubangabanganwa n'ibangikanyamana hamwe n'ubwononyi kw'isi.

Iyo ari mushiki w'umuntu naho, umwislamu ategekwa kwunga ubuvandimwe bwiwe, ukumwubaha hamwe no kumufuhira ngo ntashikirwe n'icomugeramira;n'iyo ari nyinabo w'umuntu, ahabwa icubahiro gihabwa nyina wiwe mu kwubahwa no mu kwubahirizwa kw'agateka kiwe no kwunga ubuvandimwe mu bugwaneza.

Iyo naho ari inakuru w'umuntu canke akaba ageze mu zabukuru, icubahiro ciwe ahabwa n'abana canke abuzukuru biwe hamwe n'incuti za hafi yiwe, kiraheza kikiyongera; nta n'uwuheza ngo areke kumwumvira mu vyo asaba, eka nta n'uwirengagiza iciyumviro ciwe ashikirije.

Iyo naho ari kumwe n'umuntu ata co bapfana mu muryango, atari n'umubanyi wiwe, ahabwa agateka n'icubahiro ahabwa n'ubwislamu muri rusangi mu gukingirwa igeramirwa iyo rizanana hose, hamwe rero no kwunamika amaso, n'ibindi.

Imiryango y'abislamu rero, iracubahiriza vy'ukuri ubwo burenganzira n'ivyubahiro, ivyo bigaha umugore agaciro n'icubahiro adahabwa mu yindi miryango itari iy'abislamu.

Hanyuma rero mu vy'ukuri, umugore mu bwislamu arafise agateka ko kugira ico agaba, gukota no gukotesha ibintu, kugurisha no kugura ivyo akeneye, n'ibindi bijanye no gushira mu ngiro amasezerano, arafise n'agateka ko kwiga no kwigisha, hamwe rero no gukora akazi mu buryo budaciye kubiri n'idini;ahubwo mbere mu bumenyi, harimwo ubwo ategerezwa kurondera kuko ari ibwirizwa ryubahirizwa n'umuntu wese ku gatwe kiwe; uwuretse kuburondera aba acumuye, yaba ari umuhungu canke umukobwa.

Ahubwo mbere, mu vy'ukuri umugore yahawe agateka n'amabwirizwa yubahiriza co kimwe n'umugabo, kiretse agateka n'amabwirizwa bwite amwega atagenewe abagabo, canke agateka n'amabwirizwa bwite yega abagabo atagenewe umugore, umwe wese rero muri bompi akaba yahawe agateka n'amabwirizwa biberanye bikwiranye nk'uko tubisanga mw'ido n'ido mu bitabu vyanditswemwo.

Idini ryanje kandi rirantegeka gukunda benewacu na bashikanje, ba datawacu, ba senge, ba marume, ba mamawacu, hamwe rero n'incuti zose mu muryango; buntegeka kandi kwubaha no kwubahiriza agateka k'umukenyezi wanje, ak'abana banje n'ak'ababanyi banje.

Idini ryanje rintegeka kurondera ubumenyi, rikanampimiriza kurondera ico cose kincisha ubwenge, kigatyorora ingeso n'imigenzo vyanje, kikampa n'ivyiyumviro birashe.

Idini ryanje rintegeka kwisonera, kwitonda, gutanga, kurinda (ubutwari), kwitondera ivyo nkora mu mvugo no mu ngiro, gutunganya neza ivyo nkora, kwihangana, kubungabunga imbitso, kwicisha bugufi, kwiyubaha, kwiyeza, kwubahiriza isezerano, kwipfuriza ineza abantu, kurondera icorirenza, kugirira impuhwe abakene, gusuhuza abarwayi, gushitsa (gushira mu ngiro) isezerano, kuganira amajambo meza, guhura n'abantu mfise akamwemwe, hamwe rero no guhurumbira gukora uko nshoboye kwose ibituma abantu bahimbarwa mu buzima.

Ku rundi ruhande, idini ryanje riranyihaniza kurangwa n'ubujuju, rikambuza kurangwa n'ubugarariji, ubuhakanyi n'ubugaba, gukora ivyaha vy'agahomerabunwa, gusambana, gutwarwa n'ibishobisho mu kwinezereza, guhonyanga ukuri no gusuzugura abantu ( kutagira ubwibone), gusharika, kugira inzigo y'akazikira (kwiyumvira nabi uwundi), kwemera umukoshi, kwicwa n'intuntu, kubesha, kwihebura, kuba ingumyi, kuba ikinebwe, kutarinda, kuba inderamaboko (kubaho ata co mpereza iminwe), gutwarwa n'ishavu, guhuruduka, kurangwa n'ubwenge buke, kugirira nabi abantu, kuvugaguzwa (kuvuga amajambo menshi atagira mvura), kumena ibanga, guhemuka, kutubahiriza isezerano, kutubaha no kutubahiriza agateka k'abavyeyi, guca ubuvandimwe, kutitaho abana, hamwe rero no kubangamira umubanyi n'abantu bose muri rusangi.

Ubwislamu burongera kandi bukambuza kunywa ibiboreza, kwihereza ibiyayuramutwe, gukinira amahera mu kamari, kwiba, gusondeka, gukoresha urwenge, guhahamura abantu mu kubatera ubwoba, kubagendereza hamwe no kubinjirira mu buzima (gushaka kumenya amabanga yabo).

Idini ryanje ry'ubwislamu rirabungabunga amatungo, ivyo bigatuma amahoro n'umutekano bisasagara. Ni na co gituma idini ryahimirije ko imbitso ibungwabungwa, riranahayagiza abayibungabunga; riranabasezeranira kubaho ubuzima bwiza hamwe no kwinjira mu Bwami bw'ijuru mu buzima bw'inyuma yo gupfa; ryaraziririje no kwiba, risezeranira umusuma igihano mu buzima bwo kw'isi no mu bw'inyuma yo gupfa.

Idini ryanje rirabungabunga ubuzima bw'abantu, ni na co gituma bwaziririje ko hogira uwicirwa ubusa ata kuri kwubahirijwe, hamwe rero n'ukubuza kubangamira ubuzima bw'abandi mu buryo ubwo ari bwo bwose n'aho kwoba ari ugukoresha ijambo gusa.

Ahubwo mbere ubwislamu burabuza ko n'umuntu yobangamira ubuzima bwiwe; ntiburekurira umuntu kwiyononera ubwenge mu kwihereza ibiyayuramutwe, canke kwigeramira mu magara yiwe, canke kwiyaka ubuzima akiyahura.

Idini ryanje ry'ubwislamu rirubahiriza mu guharanira ubwigenge bw'abantu bukanabutunganya;umuntu mu bwislamu arigenga mu vyiyumviro vyiwe, mu kugurisha no mu kugura, mu rudandazwa rwiwe, mu kwishira n'ukwizana, arigenga no mu kungene aryoherwa n'ivyiza vyo kw'isi mu mfungurwa, mu binyobwa, mu vyambarwa, canke mu vyo yumviriza mu gihe ata kizira kirimwo comugirira we canke uwundi ingaruka mbi.

Idini ryanje ry'ubwislamu riratunganya ibijanye n'ubwigenge; nta n'umwe burekurira kurengera akarimbi uwundi; eka nta n'umuntu burekurira mu kuryoherwa kwiwe ko yorengera ku biziririjwe bituma ahungabanya mu guhonya amatungo yiwe, akonona amahirwe yiwe hamwe no gutosekaza ubuntu bwiwe.

Mu gihe woraba rero abiyitirira ubwigenge mu gukora ikintu ico ari co cose bipfuza, no mu kwiha kwihereza kirya cose bashatse mu vyo bipfuza ata kizira mw'idini kibibabuza, canke kwisunga ubwenge nyabwo, ni ukuri wobonye ko babayeho ubuzima busuzuguritse cane mu magorwa no mu kaga katagira izina, wonabonye ko bamwe muri bo binashika bagashaka no kwiyahura ngo bikure mu kaga barimwo.

Idini ryanje rinyigisha urupfasoni rubereye mu gihe co gufungura no kunywa, mu gihe co kuryama, no mu gihe co kuganira n'abantu.

Idini ryanje riranyigisha kandi ukworoherezanya mu gihe co kugurisha, kugura, no mu gihe co gusaba ko hubahirizwa agateka kanje;rirananyigisha kurekuriranira n'abo tudasangiye idini; sindabarenganye, sindanabagirire nabi, ahubwo mbane na bo mu bugwaneza ndanabipfurize ivyiza.

Kahise k'abislamu, karemeza ko abislamu bama nantaryo barangwa n'ukurekuriranira na bo badasangiye ukwemera mu buryo butari bwigere bwubahirizwa n'abantu bo hambere yabo.Ni ukuri, abislamu barabanye neza n'imigwi itandukanye y'abantu badasangiye idini, kandi nya migwi yaba mu bihugu bitwarwa n'ubwislamu, maze abislamu babana n'abo bose umubano mwiza ubaho hagati y'abantu, mu bugwaneza nta ngere.

Muri rusangi rero, ni ukuri ubwislamu bwaranyigishije ibihambaye bijanye n'urupfasoni, umubano mwiza, ingeso n'imigenzo myiza, bituma mbaho ubuzima bwiza mu kamwemwe nta ngere;bwaranambujije gukora kirya cose coza gitosekaza kigahungabanya ubuzima bwanje, hamwe rero n'icongirira ingaruka mbi mu kibano, canke kikansinzikariza ubuzima canke ubwenge, canke kigahonya amatungo, canke kigatosekaza icubahiro canje canke c'umuryango wanje.

Urugezo rwo kuroranirwa kwanje rwisunga urugero nubahirizako izo nyigisho,uko ndebukirwa nkagira n'utunenge mu kuzishira mu ngiro, ni ko na nya kurorarirwa nyene kugenda kuragabanuka bivanye n'urugezo rw'iryo debukirwa kuri izo nyigisho.

Ivyo vyose mvuze rero, ntibisigura ko jewe mu vy'ukuri nkingiwe ku buryo ata kosa nokora, canke ntodebukirwa; mu vy'ukuri idini ryanje riritwararika kameremere ndemanwa ka kiremwa-muntu (uko ndemye nk'umuntu), hamwe no kurangwa n'intege nke rimwe na rimwe bikanshikira nkakosa, nkadebukirwa canke nkananirwa; ni na co gituma nugururiwe umuryango w'ukwigaya, w'ugasaba ikigongwe no kugaruka nkitura Imana Allah; burya ukwigaya guhanagura inkurikizi zo kudebukirwa no kunanirwa kwanje, kukanandugiriza icubahiro ku Mana yanje Rurema Allah.

Inyigisho z'ubwislamu zose rero, uhereye ku zerekeye ukwemera, izerekeye ingeso n'imigenzo myiza, izerekeye urupfasoni, hamwe rero n'izerekeye amasengesho, umubano mwiza n'amasezerano y'ibijanye n'ubuzima, zose zisunga amabwirizwa ya Qor'ani hamwe n'inyigisho n'imigenzo vy'intumwa.

Mu guheraheza rero, nshaka kuvuga nshimitse ko umuntu uwo ari we wese aho ari hose kw'isi, mu gihe yomenya ukuri kw'idini ry'ubwislamu, akarimenya ukuri kw'ukurimenya ata ho yegamiye, akarondera gusa kumenya nya kuri, nta kindi yoshikako atari ukwemera ubwislamu akabwinjira. Ariko rero ikibabaje, ni uko hariho inyigisho z'ikinyoma zikwiragizwa irya n'ino mu ntumbero yo gutosekaza ishusho ry'ubwislamu, canke ni ukuba hariho ibikorwa bitabereye vya bamwe mu biyitirira ubwislamu ariko batabugendera, ivyo biraheza bikabuteza urubwa.

Mu gihe rero umuntu yoraba ukuri kw'ubwislamu nk'uko buri, canke akaraba ukungene ababugendera vy'ukuri babayeho, ntiyohigimanze nagato kubwakira no kubwinjira,yonatahuye ko ubwislamu burarikira abantu kuroranirwa, kubaho mu mahoro n'umutekano, hamwe rero no gusasagaza ubutungane n'ubugwaneza mu bantu.

Nayo ibikorwa bitabereye vya bamwe mu biyitirira ubwislamu uko biri kwose, vyaba vyinshi canke bike, ntibikwiye uko vyoba kwose kuba vyoharurwa bikitiriwa ubwislamu, canke ngo bibuteze urubwa, ahubwo mbere rero ubwislamu buvyamirira kure (buri kure yavyo nk'ukwezi).Inkurikizi z'ivyo bikorwa bitabereye, zigaruka kuri benevyo nyene; kuko ubwislamu si bwo bwabategetse kubikora, ahubwo bwarabibabujije buranabihanikiriza guca kubiri n'ivyo bwigisha.

Hanyuma mu vy'ukuri, burya hisunzwe ubutungane butagira aho bwegamiye, (buzira nkunzi), ni uko horabwa ukuntu abagendera idini vy'ukuri bigenza, hakarabwa n'abubahiriza amabwirizwa yaryo mu kuntu babayeho no mu kuntu babanye n'abandi, ni ukuri birahimbara umutima mu buryo buhesha icubahiro iri dini na beneryo.Burya ubwislamu nta co bwasize caba gito canke kinini, mu nyigisho zirongora mu nzira igororotse zigatyorora n'ingeso, kiretse ko bwahimirije kuzigendera. Bitayeko, nta n'ububegito canke ubwononyi kiretse ko bwihanije kurangwa na bwo, buranazitirira kure inzira yabwo.

Ni na co gituma rero abubaha ubwislamu bakagendera n'amabwirizwa yabwo, usanga ari bo bahimbawe kurusha abandi mu kubaho mu buzima bwiza, barangwa n'urupfasoni hamwe n'indero runtu ishingiye ku mico myiza no ku ngeso n'imigenzo myiza, maze bagashingirwa intahe n'uwuri hafi yabo co kimwe n'uwuri kure yabo, uwuhuza na bo co kimwe n'uwudahuza na bo.

Nayo ugufatira gusa ku kungene abigenza nabi hamwe n'abataye inzira igororotse mu bislamu babayeho, si bwo butungane buzira nkunzi, ahubwo ni akarenganyo ku bwislamu.

Mu gusozera rero, ubu ni ubutumwa bw'irarikiramana kuri uwo wese ataraba umwislamu, ko yohurumbira kumenya ubwislamu no kubwinjira.

Uwushaka kwinjira mu bwislamu rero, nta kindi asabwa atari ukwemanga ku mutima akatura n'ururimi ko ata mana ibwirijwe gusengwa vy'ukuri atari Imana Allah, n'uko Muhamadi ari Intumwa y'Imana Allah, akavuga ati: "ASH-HADU ALLAA ILAAHA ILLA LLAAHU WA-ANNA MUHAMMADAN RASUULU LLAAH".Amaze kuvuga ivyo, agaheza agaca yiga idini ku buryo ashobora gutunganya ivyo abwirizwa n'Imana Allah.Uko rero agenda yongerereza ubumenyi n'ishirwa mu ngiro ryabwo, ni ko n'iroranirwa ryiwe mu buzima rigenda ryiyongera, n'icubahiro ciwe ku Mana yiwe Rurema Allah kikiyongera.

JEWE NDI UMWISLAMU[1]