×
INCAMAKE Y'IGITABU C'INYIGISHO NGIRAKAMARO KU MWISLAMU

INCAMAKE Y'IGITABU C'INYIGISHO NGIRAKAMARO KU MWISLAMU

Categuwe na

Muhamadi Al-Shihriy

2021 - 1443

Iheruka guhinyanyurwa ubwa nyuma kw'igenekerezo rya 4 z'ukwezi kwa 5, mu mwaka wa 1443 kuva Intumwa yimutse

kw'izina ry'Imana Allah, Nyenimpuhwe ku biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo

INTANGAMARARA

Ishimagizwa rikuru ni iry'Imana Allah, Umubungabunzi w'ibiremwa vyose, amahoro n'impuhwe z'Imana Allah,nibisasagare ku Mwiza w'Abavugishwamana n'Intumwa, Umuvugishwamana wacu Muhamadi, ku muryango wiwe no ku ngendanyi ziwe zose.

Inyuma y'ivyo rero:

biri mu nema zihambaye z'Imana Allah ku muntu, kuba Yamugize umwislamu Ikamutsimbataza ku kwemera, Ikanamushoboza kugendera amategeko n'amabwirizwa vyayo.Muri iki gitabu rero, umwislamu ariga mu ncamake amategeko yotuma idini ryiwe ritungana, maze agatomokerwa n'ibiranga iri dini rihambaye; kugira ubumenyi bwiwe ku bijanye n'Imana yiwe Rurema Allah, ubumenyi bw'idini ryiwe ry'ubwislamu n'ubw'Umuvugishwamana wiwe Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) bwiyongere, gutyo aheze yiyegereze Imana Allah mu vyo akora vyose anasenge Imana yiwe Allah atahura kandi azi neza n'ivyo akora.

INTUMBERO Y'IREMWA RY'IBIREMWA (Amajini n'abantu)

Imana Allah , Nyaguhabwa icubahiro nta ngere, Yaturemye ku ntumbero ihambaye, na yo ikaba ari ukuyiyegereza mu vyo dukora vyose tunayisenge ari Imwe Rudende Itabangikanijwe na kimwe mu biremwa vyayo, nk'uko Imana Allah, Nyenukuninahazwa, Yavuze Iti:﴿ وَمَا خَلَقْتُ الْجِنَّ وَالْإِنْسَ إِلَّا لِيَعْبُدُونِ﴾ ﴾Jewe Allah, sinaremye Amajini n'abantu Nkabarungikira n'Intumwa, atari ukugira banyiyegereze mu vyo bakora vyose banansenge batambangikanya na kimwe mu biremwa﴿.[Ad-Dhaariyaatu: 56].Ivyo bigasigura ko Amajini hamwe n'abantu bategerezwa kutayibangikanya na kimwe mu kuyiyegereza mu vyo bakora vyose banayisenge ari Imwe Rudende.iri rero, ni ryo hangiro rihambaye, ibikorwa hamwe n'umuzirikanyi vyacu vyose bigana ng'aha kw'isi. Imana Allah, Nyenukuninahazwa, Yavuze Iti:﴿ أَفَحَسِبْتُمْ أَنَّمَا خَلَقْنَاكُمْ عَبَثًا وَأَنَّكُمْ إِلَيْنَا لا تُرْجَعُونَ * ﴾Mbega bantu! Mwiyumvira ko Twebwe Allah Twabaremye mu gufyina ata ntumbero Tubafiseko; n'uko mutazosubizwa iwacu mu buzima bw'inyuma yo gupfa, kugira Tubahembere ivyo mwakoze!فَتَعَالَى اللَّهُ الْمَلِكُ الْحَقُّ لا إِلَهَ إِلا هُوَ رَبُّ الْعَرْشِ الْكَرِيمِ﴾ Nihahabwe icubahiro nta ngere Imana Allah, Umwami Aganza vyose, Nyakuri , nta mana ibwirijwe gusengwa atari Yo, Imana Rurema w'Ubuhangamo bwubashwe﴿.[Al-Mu-minuuna: 115 - 116].

IMANA YANJE RUREMA NI ALLAH

Imana Allah, Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, Yavuze Iti:﴿ يَا أَيُّهَا النَّاسُ اعْبُدُوا رَبَّكُمُ الَّذِي خَلَقَكُمْ وَالَّذِينَ مِنْ قَبْلِكُمْ لَعَلَّكُمْ تَتَّقُونَ﴾ ﴾Emwe Bantu! Nimwiyegereze Imana yanyu Rurema Allah mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende, Yo Yabaremye Irema n'abo hambere yanyu, kugira ngo muyigamburukire mu kwubahiriza amabwirizwa yayo﴿.[Al-Baqara: 21].

Imana Allah, Nyaguhabwa icubahiro nta ngere, Yavuze Iti:﴿ هُوَ اللَّهُ الَّذِي لَا إِلَهَ إِلَّا هُوَ﴾ ﴾Ni Yo Mana Allah, nta yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo﴿.[Al-Hashri: 22].

Imana Allah, Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, Yavuze Iti:﴿ لَيْسَ كَمِثْلِهِ شَيْءٌ وَهُوَ السَّمِيعُ الْبَصِير﴾ ﴾...nta na kimwe rero gisa canke gisusa n'Imana Allah mu kuntu Iteye, mu mazina yayo, mu matazirano yayo no mu bikorwa vyayo. Ni Yo rero Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenukubona, Irabona neza ivyo mukora﴿.[As-Shuuraa: 11].

Allah, ni Yo Mana yanje Rurema, Ikaba n'Imana Rurema Yaremye ibintu vyose ata co Irinze gufatirako, Nyeninganji, Rurema,Mubeshaho, Itunganya ikintu ico ari co cose.

Ni na Yo Ikwiye gusengwa vy'ukuri Yonyene, nta mana rurema atari Yo, nta n'imana ikwiye gusengwa vy'ukuri atari Yo.

Ifise amazina meza n'amatazirano yubashwe ayiranga, yemejwe na Yo nyene ubwayo, yongera yemezwa n'Umuvugishwamana wayo (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah). Ayo mazina n'amatazirano yayo, yerekana ubwiza n'ubutungane nta ngere bizira akanenge canke agahaze, kuko nta na kimwe gisa canke gisusa n'Imana Allah mu kuntu Iteye, mu mazina yayo, mu matazirano yayo no mu bikorwa vyayo, burya ni Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenukubona, Irabona neza ivyo mukora.

MU MAZINA YAYO MEZA

Mu mazina yayo meza, ni: AR-RAZZAAQU, AR-RAHMAANU, AL-QADIIRU, AL-MALIKU, AS-SAMII'U, AS-SALAAMU, AL-BASWIIRU, AL-WAKIILU, AL-KHAALIQU, AL-LATWIIFU, AL-KAAFII*, AL-GHAFUURU.["AL-KAAFi": N'aho iryo jambo ryashizwe n'umwanditsi mu mazina y'Imana Allah, ntabwo ririmwo vy'ukuri].

AR-RAZZAAQU: Rutunga, Ironsa ibiremwa ibibibeshaho mu bijanye n'imishaha yavyo hamwe n'imibiri yavyo.

AR-RAHMAANU: Nyenimpuhwe ku biremwa vyose, Igirira impuhwe ikintu ico ari co cose mu biremwa.

AL-QADIIRU: Mushoboravyose;Irangwa n'ubushobozi buzira kunanirwa canke kudebukirwa.

AL-MALIKU: Ni Yo Mwami Irangwa n'ubutwari n'ubutungane nta ngere, Rugaba Igaba Ikaganza ibintu vyose.

AS-SAMII'U: Nyenukwumva; Yumva ibivugwa n'ibiremwa mw'ibanga no ku mugaragaro, Yumva n'ibisabo vy'abayisaba bayitakambira.

AS-SALAAMU: Semahoro; ntirangwa namba n'akanenge na kamwe uko kari kwose.

AL-BASWIIRU: Nyenukubona; ukubona kwayo guhetura ibintu vyose, bininibinini na bitobito, n'aho koba akantu ide; nta co Itabona, nta n'ico Itazi muri vyo.

AL-WAKIILU: Muhagarikizi-Rutunga; Itunganiriza ibiremwa vyose mu kubironsa ibibibeshaho muri rusangi, na canecane abatoni bayo, maze Ikaborohereza mu kubatunganiriza ivyabo.

AL-KHAALIQ: Rurema; Rutanguzandemo Yaremye ibintu vyose ata co Irinze gufatirako.

AL-LATWIIFU: Rumenyi-Rudahishwa; Itera iteka abaja bayo, Ikabagirira impuhwe Ikanabaronsa ivyo bayisavye.

AL-KAAFII: Nyenugutunganirizibiremwa; Itunganiriza ibiremwa mu kubironsa ivyankenerwa vyose, maze bikikenura ata n'ikindi birinze kwitura.

AL-GHAFUURU: Nyenimbabazi-ntangere; Ikingira abaja bayo inabi y'ivyaha vyabo, maze Ikirengagiza kubibahanira.

UMUVUGISHWAMANA MUHAMADI (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah)

Imana Allah, Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, Yavuze Iti:﴿ لَقَدْ جَاءَكُمْ رَسُولٌ مِنْ أَنْفُسِكُمْ عَزِيزٌ عَلَيْهِ مَا عَنِتُّمْ حَرِيصٌ عَلَيْكُمْ بِالْمُؤْمِنِينَ رَءُوفٌ رَحِيمٌ﴾ ﴾Bemeramana! Mwarashikiriwe n'Intumwa ivuye muri mwebwe nyene, ituntuzwa n'ibibabangamira, yitwararika ko muba abemeramana koko, irangwa n'ikigongwe n'impuhwe nyinshi ku bemeramana﴿.[At-Tawba: 128].

Imana Allah, Nyeguhabwicubahiro nta ngere, Yavuze Iti:﴿ وَمَا أَرْسَلْنَاكَ إِلا رَحْمَةً لِلْعَالَمِينَ﴾ ﴾Ntumwa y'Imana! Ntitwakurungitse atari ukugira ubere impuhwe Amajini n'abantu bose, gutyo hagire amahirwe uwukwemeye, hahombe uwuguhakanye﴿.[Al-Ambiyaa-u: 107].

MUMAHADI (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), NI yo mpuhwe ku biremwa, ikaba kandi n'imboneza.

Izina ryiwe ni Muhamadi mwene Abdillahi, Abdillah mwene Abdu l-Muttwal-libu, Abdu l-Muttwal-libu mwene Haashimu. Haashimu na we akaba yakomoka mu bwoko bw'Abakurayishi; Abakurayishi na bo bakaba bakomoka mu Barabu.

Umuvyeyi wiwe (nyina) :Yitwa Aamina umukobwa wa Wahabi. Uwamwonkeje akiri uruyoya ( nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) , yitwa Haliima As-Sa'diyya . Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarongoye abakenyezi cumi n'umwe, akaba yapfuye asiga abakenyezi icenda muri bo.

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yavyaye abana indwi: abahungu batatu n'abakobwa bane. Nayo abahungu, ni: Al-Qaasimu, Abdullahi, Ibrahimu. Abakobwa na bo bakaba ari: Zayinabu, Ruqayya, Ummu Kulthuumu na Faatwima.

Umuvugishwamana Muhamadi, ni ngombwa ko yumvirwa mu vyo yabwirije; ko yemerwa mu vyo yashikirije, hamwe rero no kuvavanura mu kwigira kure ivyo vyose yabujije akanavyihanikiriza. Ni ngombwa kandi ko Imana Allah Itokwiyegerezwa mu bikorwa vyose mu gusengwa, kiretse mu buryo bujanye n'amabwirizwa yayo.

Ubutumwa yarungikanwe n'ubw'abandi Bavugishwamana bo hambere yiwe barungikanwe, bushingiye ku kurarikira abantu kwiyegereza Imana Allah mu vyo bakora vyose bakanayisenga ari Imwe Rudende Itabangikanywa na kimwe mu biremwa. Imana Allah, Nyenuguhabwi cubahiro nta ngere, Yavuze Iti:﴿ وَمَا أَرْسَلْنَا مِنْ قَبْلِكَ مِنْ رَسُولٍ إِلَّا نُوحِي إِلَيْهِ أَنَّهُ لَا إِلَهَ إِلَّا أَنَا فَاعْبُدُونِ﴾ ﴾Ntumwa y'Imana! Twebwe Allah, Ntitwigeze Dutuma aho hambere yawe, kiretse ko Twatuma Intumwa Tugaheza rero Tukayihishurira ko ata mana ibwirijwe gusengwa atari Jewe Allah. Kubera ivyo rero, nimunyiyegereze mu vyo mukora vyose munsenge mutambangikanya﴿.[Al-Ambiyaa-u: 25].

Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), ni yo Muhetuzi w'Abavugishwamana n'Intumwa. Imana Allah, Nyakuninahazwa, Yavuze Iti:﴿ مَا كَانَ مُحَمَّدٌ أَبَا أَحَدٍ مِنْ رِجَالِكُمْ وَلَكِنْ رَسُولَ اللَّهِ وَخَاتَمَ النَّبِيِّينَ وَكَانَ اللَّهُ بِكُلِّ شَيْءٍ عَلِيمًا﴾ ﴾Muhamadi, ntiyigeze aba se w'uwo wese muri mwebwe, ariko ni Intumwa y'Imana Allah, akaba n'Umuhetuzi w'Abavugishwamana bose gushika ku musi w'umuhero w'isi. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose﴿.[Al-Ahzaabu: 40].

Imana Allah, Nyaguhabwa icubahiro nta ngere, Yamurungikanye idini ry'ubwislamu ku bantu bose. Imana Allah, Nyakuninahazwa , Yavuze Iti:﴿ وَمَا أَرْسَلْنَاكَ إِلَّا كَافَّةً لِلنَّاسِ بَشِيرًا وَنَذِيرًا وَلَكِنَّ أَكْثَرَ النَّاسِ لَا يَعْلَمُونَ﴾ ﴾Ntumwa y'Imana! Ntitwanakurungitse, kiretse ku bantu bose, kugira ubashikirize inkuru nziza ihumuriza abemeramana, ko bazoronka Ubwami bw'ijuru; ugabishe n'abagarariji ku bihano vy'Imana Allah, ariko rero abenshi mu bantu, ntibazi ivyiza biri mw'irungikwa ryawe kuri bose﴿.[Saba-i: 28].

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), afise agateka gahambaye kubahirizwa n'umwislamu uwo ari we wese. Ku vyerekeye ako gateka twovuga ibi bikurikira:

1. Ukwemera ubuvugishwamana bwiwe bukanemangwa; n'ukwemera ko amateka ahambaye yashinze, akingiwe kandi akwiye kwumvirwa mu kwubahirizwa. Imana Allah, Nyaguhabwa icubahiro nta ngere, Yavuze Iti:﴿ وَمَا يَنْطِقُ عَنِ الْهَوَى * ﴾Kandi ntavuga yisunze ivyipfuzo vyiwe;إِنْ هُوَ إِلَّا وَحْيٌ يُوحَى﴾ Qor'ani n'imigenzo yiwe, si ikindi kiretse ko ari ihishurwa yahishuriwe n'Imana Allah﴿.[An-Najmu: 3-4].

2. Uyo Muvugishwamana, ategerezwa gukundwa ku buryo urukundo rwiwe ruza imbere y'urukundo umuntu yikunda n'urwo akunda abana biwe; rukanaruta mbere hamwe n'urwo akunda ibiremwa vyose. Urwo rukundo rero, ruraheza rukubakira mu kumukurikira mu kumwumvira mu vyo yategetse vyose, akavavanura mu kwigira kure y'ivyo vyose yabujije akanavyihanikiriza.

3. Ategerezwa kwubahwa akubahirizwa ukuri kwo kwubahirizwa no gutabarwa.

4. Asabirwa amahoro n'impuhwe z'Imana Allah: Ivyo bigirwa mu kumuhayagiza no kumusabira ku Mana Allah, ko Yomudugiriza icubahiro n'iteka mu kwama ayagwa igihe cose. Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati:"Uwunsabiye ku Mana Allah amahoro n'impuhwe incuro imwe, Imana Allah Ibimuhembera indishi igwijwe incuro cumi".Yashikirijwe na Muslimu.

5. Kutarenza urugero mu kwubahiriza agateka kiwe mu kuduzwa hejuru mu buryo burengeye urugero rw'agateka yahawe n'Imana Allah, kuko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yabibujije iranihanikiriza cane uwohirahira akabikora, aho yavuze ati:"Ntimukarenze urugero mu kumpayagiza, nka kurya abanaswara barengeje urugero mu guhayagiza Mwene Mariyamu (gushika n'aho bamugira umwana w'Imana). Mu vy'ukuri, jewe ndi Umuja w'Imana Allah. Kubera ivyo rero, (nimwampayagiza), muravuga muti: "Umuja w'Imana Allah n'Intumwa yayo"". Yashikirijwe na Al-Bukhaariy.

MU BIRANGA UMUVUGISHWAMANA MUHAMADI (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah):

Mu biranga Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) : •ukuvuga ukuri; •ukugira impuhwe;•ubwitonzi;•ukwihangana;•ubutwari; •ubugwaneza; •ingeso nziza;•ubutungane; •ukwicisha bugufi; •uguharira abandi.

QOR'ANI NTAGATIFU, NI AMAJAMBO Y'IMANA YANJE RUREMA ALLAH

Imana Allah, Nyenuguhabwi cubahiro nta ngere,Yavuze Iti:﴿ يا أيها الناس قد جاءكم برهان من ربكم وأنزلنا إليكم نورًا مبيناً﴾ ﴾Emwe bantu! Ni ukuri, icemezo co kurungikwa kw'Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), kivuye ku Mana yanyu Rurema Allah, caramaze kubashikira; Twaranabamanuriye n'Igitabu ca Qor'ani kugira kibabere umuco ubagaragariza uburongozi nyabwo﴿.[An-Nisaa-u: 174].

Qor'ani ntagatifu, ni amajambo y'Imana Allah vy'ukuri, Yayamanuriye Umuvugishwamana wayo Muhamadi (nyakugira amahoro), kugira akure abantu mu muzimagiza w'ubugarariji, aheze abashire mu muco w'ukwemera, maze abarongore mu nzira igororotse y'ubwislamu.uwusomye Qor'ani rero, aronka indishi nyinshi; uwugendeye uburongozi bwayo na we, aba ari mu nzira igororotse.Hari inyigisho y'intumwa, inyigisho yakiriwe na Abdullahi mwene Masudi (Imana Allah Imwishimire), aho yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:"Uwusomye urudome rumwe mu Gitabu c'Imana Allah ca Qor'ani, araruronkerako iciza; iciza na co gihemberwa (kigwijwe) ivyiza cumi; simvuze ko "Alif Laam Miim", ari urudome rumwe, ariko "Alif", ni urudome, "Laam", ni urundi rudome, na "Miim", ni urundi rudome".Yashikirijwe na At-Tirmidhiy.

Qor'ani, Imana Allah Yarayibungabunze ko itavogerwa n'abantu mu guhindura canke mu gukuramwo na kimwe, maze Iyigira igitangaro kizobandanya kubaho gushika ku musi w'umuhero w'isi. Imana Allah, Nyakuninahazwa, Yavuze Iti:﴿ إِنَّا نَحْنُ نَزَّلْنَا الذِّكْرَ وَإِنَّا لَهُ لَحَافِظُونَ﴾ ﴾Mu vy'ukuri ni Twebwe Allah, Twahishuriye Qor'ani Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), kandi ni Twebwe nyene Twishinze kuyibungabunga; nta kizokwongerwamwo nta n'ikizokurwamwo, eka ntizogenda amazimayongo﴿.[Al-Hijru: 9].Uwo wese rero, yibwira ko Qor'ani igabanije (idakwiye) , canke ko yahindaguwe, aba abeshuje Imana Allah hamwe n'Intumwa yayo (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), kandi aba avuye mu ruhongore rw'ubwislamu.

Qor'ani ntagatifu, ihurikiyemwo ibiri mu Bitabu vyo hambere yayo, hiyongeyeko ibintu nkenerwa bijanye n'ibisabwa mu gutunganya amasengesho hamwe n'ingeso n'imico myiza ikwiye kuranga kiremwa-muntu, ikanashimangira ukuri kuri muri nya Bitabu. Nta Gitabu na kimwe cavuye ku Mana Allah, kihari rero muri kino gihe ca none , bitegetswe ko cubahwa kikubahirizwa, gisomwa mu ntumbero yo kurondera indishi (gikoreshwa mw'isengesho), kikanagenderwa, atari Qor'ani ntagatifu gusa.

IDINI RYANJE NI UBWISLAMU

Inzego z'idini, ni zitatu: ubwislamu, ukwemera hamwe rero n'ubugwaneza.

URWEGO RWA MBERE: UBWISLAMU

Ubwislamu, ni ukwicisha bugufi ku Mana Allah mu kuyisenga ari Imwe Rudende, no mu kuyumvira hamwe no kuvavanura mu kwigira kure ibangikanyamana hamwe n'ababangikanyamana.

INKINGI Z'UBWISLAMU

Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:"Ubwislamu bwubakiye ku nkingi zitanu: ukwemanga ko ata mana y'ukuri ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah, n'uko Muhamadi (Nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ari Intumwa y'Imana ; ugutsimbataza amasengesho atanu ku musi; ugutanga ishikanwa-bwirizwa (zakat); ukwipfunga ukwezi kwa Ramadhani; ugushengerera ingoro ntagatifu y'Imana Allah iri i Makka".Yumvikanweko na Al-Bukhaariy na Muslimu.

Inkingi z'ubwislamu zigizwe n'imigirwa itegerezwa kwubahirizwa n'umwislamu mu ntumbero yo kwiyegereza Imana Allah. Ubwislamu bw'umuntu rero, ntibwemerwa atabanje kwemera no no kwubahiriza mu gushira mu ngiro iyo migirwa; kuko burya, ubwislamu bwubakiye kuri iyo migirwa, ni na co gituma yiswe ko ari inkingi z'ubwislamu.

Izo nkingi n'insiguro yazo, zikaba ari izi zikurikira:

INKINGI YA MBERE: "SHAADATU AL- LAA ILAAHA ILLA LLAAHU WA-ANNA MUHAMMADAN RASUULU LLAAH" (Kwatura ku rurimi bivuye ku mutima, wemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah, n'uko Muhamadi ari Intumwa yayo).

Imana Allah, Nyaguhabwa icubahiro nta ngere, Yavuze Iti:﴿ فَاعْلَمْ أَنَّهُ لَا إِلَهَ إِلَّا اللَّهُ﴾ ﴾Muvugishwamana! Menya rero ko ata mana y'ukuri ikwiye gusengwa atari Imana Allah﴿.[Muhammad: 19].

Imana Allah, Nyaguhabwa icubahiro nta ngere, Yavuze Iti:﴿ لَقَدْ جَاءكُمْ رَسُولٌ مِّنْ أَنفُسِكُمْ عَزِيزٌ عَلَيْهِ مَا عَنِتُّمْ حَرِيصٌ عَلَيْكُم بِالْمُؤْمِنِينَ رَؤُوفٌ رَّحِيمٌ﴾ ﴾Bemeramana! Mwarashikiriwe n'Intumwa ivuye muri mwebwe nyene, ituntuzwa n'ibibabangamira, yitwararika ko muba abemeramana koko, irangwa n'ikigongwe n'impuhwe nyinshi ku bemeramana﴿.[At-Tawba: 128].

Ijambo "SHAHAADATU AL-LAA ILAAHA ILLA LLAAHU", risigura ko ata mana y'ukuri ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah.

Ijambo "WA-ANNA MUHAMMADAN RASUULU LLAAH", risigura ko Intumwa Muhamadi, ikwiye kwumvirwa mu vyo yategetse, ikemerwa mu vyo yashikirije, maze umuntu akavavanura n'ivyo yabujije ikanavyihanikiriza; ntanahirahire kwiyegereza Imana Allah mu vyo akora vyose anayisenga , kiretse mu kwubahiriza no kwisunga ivyo yigishije.

INKINGI YA KABIRI: "IQAAMU SSWALAAT" (Gutsimbataza isengesho)

Imana Allah, Nyaguhabwa icubahiro nta ngere, Yavuze Iti:﴿ وَأَقِيمُوا الصَّلَاةَ﴾ ﴾Mwongere mutsimbataze isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo﴿.[Al-Baqara: 110].

Ugutsimbataza isengesho, biba mu gihe isengesho ryubahirijwe mu kurisenga nk'uko vyategetswe n'Imana Allah, bikigishwa n'Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah).

INKINGI YA GATATU: "IITAA-U ZZAKAAT" (Gutanga ishikanwa-bwirizwa (Zakkat))

Imana Allah, Nyaguhabwa icubahiro nta ngere, Yavuze Iti:﴿ وَآتُوا الزَّكَاةَ﴾ ﴾munatange n'ishikanwa-bwirizwa﴿.[Al-Baqara: 110].

Imana Allah, Nyaguhabwa icubahiro nta ngere, Yategetse ko hatangwa ishikanwa-bwirizwa, kugira Igerageze umwislamu ko yemera vy'ukuri, no kugira ashimire Imana yiwe Rurema Allah ku ngabirano z'inema nyinshi Yamuhaye, no kugira rero afashe aboro n'abakene.

Ugutanga ishikanwa-bwirizwa biba mu kuyihereza abayigenewe.

Ishikanwa-bwirizwa rero, ni itegeko ryubahirizwa mu mutungo iyo ushikana urugero nyezina ruzwi. Iryo shikanwa, rihabwa abantu bari mu migwi umunani yavuzwe n'Imana Allah muri Qor'ani ntagatifu; muri iyo migwi hakaba harimwo umworo n'umukene.

Ugutanga ishikanwa-bwirizwa rero, vyerekana impuhwe n'ikigongwe biri hagati y'abantu; harimwo n'ukweza ingeso n'imigenzo hamwe n'amatungo vy'umwislamu, ugushimisha imitima y'aboro n'iy'abakene, ugukomeza urukundo n'ubucuti mu bagize umuryango w'abislamu; ni na co gituma umwislamu w'umweranda ayitanga avyishimiye akayitanga n'umutima mwiza, kuko harimwo ibituma abandi bantu bagira umunezero.

Urugero rw'ishikanwa-bwirizwa ritangwa, ni ivyijana bibiri n'igice (2.5 %) vy'amatungo agizwe n'inzahabu, umwakaka hamwe n'ubwoko butandukanye bw'amafaranga, ibidandazwa vyagenewe kugura no kugurisha kugira ngo vyunguke mu gihe ayo matungo ashikana urugero nyezina ruzwi, agashikana n'ikiringo c'umwaka ukwiye nyene yo ayafise.

Ni nk'uko, ishikanwa-bwirizwa ritegetswe ku wutunze igitigiri nyezina kizwi c'ibitungwa (ingamiya, inka n'intungwa), mu gihe biturutswa bikarisha ubwatsi mu kiringo kirenga umwaka bitarinze kwahirirwa na nyenevyo.

Ni nk'uko nyene kandi, ishikanwa-bwirizwa ritegetswe gutangwa ku butunzi umuntu yubuye mu gataka (mu kuzimu), mu vyahambwe n'abakurambere; ni nk'uko ritangwa kandi no ku binyantete, ku vyamwa no ku butare, iyo bishikana urugero nyezina ruzwi.

INKINGI YA KANE: "SWAWMU RAMADWAAN" (Ukwipfunga ukwezi kwa Ramadhani)

Imana Allah, Nyaguhabwa icubahiro nta ngere, Yavuze Iti:﴿ يَا أَيُّهَا الَّذِينَ آمَنُوا كُتِبَ عَلَيْكُمُ الصِّيَامُ كَمَا كُتِبَ عَلَى الَّذِينَ مِنْ قَبْلِكُمْ لَعَلَّكُمْ تَتَّقُونَ﴾ ﴾Emwe bemeye Imana Allah n'Intumwa yayo bakubahiriza n'amabwirizwa yayo! Mwarategetswe kwipfunga nk'uko ab'aho hambere yanyu babitegetswe, kugira ngo mwikingire ibihano vy'Imana Allah mu kuyumvira ari Imwe Rudende﴿.[Al-Baqara: 183].

Ramadhani rero, ni ukwezi kw'icenda mu mwaka wa kislamu uharurwa kuva Intumwa yimutse (Hijriy), ni ukwezi kweranda ku bislamu, gufise icubahiro kidasanzwe kuruta ayandi mezi agize umwaka. Ukwipfunga ukwezi kwose, ni imwe mu nkingi zitanu z'ubwislamu.

Ukwipfunga ukwezi kwa Ramadhani rero, ni ukwiyegereza Imana Allah mu kureka kurya no kunywa, kwabira umukenyezi mu kurangura amabanga y'abubatse hamwe, hamwe no kureka ibindi vyose vyonona ipfunga ry'umuntu kuva mu mutwenzi gushika izuba rirenze, mu kiringo c'ukwezi kwose kwa Ramadhani guhezagiwe.

INKINGI YA GATANU: "HAJJU BAYTI LLAAHI L-HARAAM" (Ugushengerera ingoro ntagatifu y'Imana Allah)

Imana Allah, Nyaguhabwa icubahiro nta ngere, Yavuze Iti:﴿ وَلِلَّهِ عَلَى النَّاسِ حِجُّ الْبَيْتِ مَنِ اسْتَطَاعَ إِلَيْهِ سَبِيلًا﴾ ﴾Imana Allah Yarategetse rero ko umwislamu uwo ari we wese afise ubushobozi, aja kuyishengerera﴿.[Aali Imraani: 97].

Ugushengerera ingoro ntagatifu, bitegetswe ku wushoboye gufata urugendo rumushikana i Makka. Iryo shengerera riba rimwe gusa mu buzima bwose. Ukwo gushengerera na kwo, kukaba ari ukugana ahari ingoro ntagatifu n'ibindi bibanza bitagatifu biri i Makka, vyagenewe itazirwa n'ininahazwa ry'Imana Allah, mu ntumbero yo kwiyegereza Imana Allah mu gushira mu ngiro imigirwa yabigenewe mu mwanya wabigenewe. Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) rero, yarashengereye ingoro ntagatifu, bitayeko n'abandi Bavugishwamana bo hambere yiwe barayishengereye, Imana Allah na Yo Ikaba Yabwirije Ibrahimu (nyakugira amahoro y'Imana Allah) ko ararikira abantu bose kuja kuyishengerera. ukwo ni ko Imana Allah, Nyaguhabwa icubahiro nta ngere, Yavuze muri Qor'ani ntagatifu Iti:﴿ وَأَذِّنْ فِي النَّاسِ بِالْحَجِّ يَأْتُوكَ رِجَالًا وَعَلَى كُلِّ ضَامِرٍ يَأْتِينَ مِنْ كُلِّ فَجٍّ عَمِيقٍ﴾ ﴾Ewe Ibrahimu! Menyesha abantu ko babwirijwe gushengerera ingoro ntagatifu iri i Makka, bazoheze bashwabadukire rimwe mu buryo bwose butandukanye; abagenda n'amaguru n'abagendera ku bitwazi, maze baze bavuye mu mihingo yose y'isi﴿.[Al-Hajji: 27].

URWEGO RWA KABIRI: "AL-IIMAANU" (Ukwemera)

"AL-IIMAANU", ni ukwemanga n'ukwemera ata makenga ( kuzira guhinyuzwa) , hamwe n'ukwemera ivyo vyose vyategetswe n'Imana Allah hamwe n'Intumwa yayo, ko vyemerwa; ukuyumvira bimwe bivuye ku mutima bikabonekera mu bikorwa bigaragara. Ukwemera rero, ni ukwemanga ku mutima guhurikiyemwo ibikorwa vy'umutima n'ivy'umubiri, bituma hubahirizwa idini ryose, kwongerezwa n'iyumviramana, kukagabanywa n'igabitanyamana.

INKINGI Z'UKWEMERA

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), igihe kimwe yarabajijwe ku bijanye n'ukwemera, aca yishura ati:"Ni ukwemera Imana Allah, abamalayika bayo, Ibitabu vyayo, Intumwa zayo, umusi w'iherezo, hamwe n'ukwemera ivyagezwe (n'ishirwa mu ngiro ryavyo): ivyiza n'ibibi".

Inkingi z'ukwemera rero, ni ibikorwa mvamutima vyo kwiyegereza Imana Allah, umwislamu ategetswe kwubahiriza, ku buryo ubwislamu bw'umuntu butemerwa atabanje kuvyemanga, akavyemera akanabigendera, ni na co gituma vyiswe inkingi z'ukwemera.Itandukaniro riri hagati y'inkingi z'ukwemera n'iz'ubwislamu: Ni uko inkingi z'ubwislamu ari ibikorwa bigaragara, umuntu arangura n'ibihimba vyiwe; nko kwatura n'ururimi ukwemera, ugutsimbataza isengesho no gutanga ishikanwa-bwirizwa, mu gihe inkingi z'ukwemera ari ibikorwa mvamutima bitunganywa n'umuntu mu kuvyatura ku mutima wiwe; nko kwemera Imana Allah, abamalayika bayo, Ibitabu vyayo n'Intumwa zayo.

INKINGI YA MBERE: UKWEMERA IMANA ALLAH

Imana Allah, Nyaguhabwa icubahiro nta ngere, Yavuze Iti:﴿ إِنَّمَا الْمُؤْمِنُونَ الَّذِينَ آمَنُوا بِاللَّهِ﴾ ﴾Abemeramana vy'ukuri, ni abemeye Imana Allah﴿.[An-Nuur: 62].

Turemera ko hariho Imana Allah, tukemanga ko ari Imwe Rudende mu bushobozi bwayo bwo kurema, mu bumana bwayo bwo gusengwa no mu mazina n'amatazirano yayo. Ukwemera Imana Allah rero, guhurikiyemwo ibi bikurikira:

- Ukwemera ukubaho kwayo Imana Allah, Nyakuninahazwana Nyaguhabwa icubahiro nta ngere.

- Ukwemera ubushobozi bwayo bwo kurema, Imana Allah Nyakuninahazwa na Nyaguhabwa icubahiro nta ngere; n'uko ari Yo Nyeninganji (Nyenubwami), Rugaba Igaba Ikaganza ibintu vyose, Rurema wavyo, Mubeshaho wavyo.

- Ukwemera ubumana bwayo bwo gusengwa Nyakuninahazwa, n'uko ari Yo Ikwiye gusengwa vy'ukuri ata kubangikanywa na kimwe mu biremwa mu gikorwa na kimwe nyegerezamana; nko gusenga, mu gusabwa, mu kwiyemeza icokorwa ku bwayo, mu gukerererwa, mu gusabwa imfashanyo no mu gukingirwa, n'ibindi bikorwa umuntu akora mu mu bikorwa nyegerezamana.

- Ukwemera amazina n'amatazirano yayo meza yubashwe ayiranga, yemejwe na Yo nyene ubwayo, yongera yemezwa n'Umuvugishwamana wayo (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah); maze umuntu akanka akankiriza ivyo Imana Allah Yanse Ikankiriza ku biyiranga, canke ivyo Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yanse ikankiriza ko biyiranga, agaheza akemera n'uko ayo mazina n'amatazirano yayo meza yerekana ubwiza n'ubutungane nta ngere bizira akanenge canke agahaze, kuko nta na kimwe gisa canke gisusa n'Imana Allah mu kuntu Iteye, mu mazina yayo, mu matazirano yayo no mu bikorwa vyayo; burya ni Yo Nyenukwumva ivyo muvuga, Nyenukubona ivyo mukora vyose.

INKINGI YA KABIRI: UKWEMERA ABAMALAYIKA

Imana Allah, Nyaguhabwa icubahiro nta ngere, Yavuze Iti:﴿ الْحَمْدُ لِلَّهِ فَاطِرِ السَّمَاوَاتِ وَالْأَرْضِ جَاعِلِ الْمَلَائِكَةِ رُسُلًا أُولِي أَجْنِحَةٍ مَثْنَى وَثُلَاثَ وَرُبَاعَ يَزِيدُ فِي الْخَلْقِ مَا يَشَاءُ إِنَّ اللَّهَ عَلَى كُلِّ شَيْءٍ قَدِيرٌ﴾ ﴾Nihashimagizwe Imana Allah, Rutanguzandemo Yaremye amajuru n'isi, Igira abamalayika intumwa Irungika ku bo Ishatse mu biremwa; muri nya bamalayika, harimwo abo Yahaye amababa abirabiri, atatatatu n'anane kugira bashobore kuguruka aho hose batumwe n'Imana Allah, Imana Allah Yongerereza inkomezi mu ndemo uwo Ishatse mu biremwa. Mu vy'ukuri Imana Allah, ni Mushoboravyose, ntakiyinanira﴿.[Faatwir: 1].

Turemera ko abamalayika ari ibiremwa bitaboneka; dusabwa kwemera ko bibaho, n'uko ari abaja Imana Allah Yaremye mu muco,Ikabagira abagamburutsi bicisha bugufi kuri Yo.

Abamalayika rero, ni ibiremwa bihambaye, ata muntu n'umwe ashobora guhetura inguvu n'igitigiri cavyo atari Imana Allah Yonyene. Umwe wese muri bo, arafise ibimuranga, amazina n'amabanga (ibikorwa) ajejwe Yashinzwe n'Imana Allah Nyaguhabwa icubahiro nta ngere; muri bo, twovuga umumalayika Jibrili (nyakugira amahoro y'Imana Allah), ashinzwe guhishurira Intumwa ivyo arungikanwe n'Imana Allah.

INKINGI YA GATATU: UKWEMERA IBITABU

Imana Allah, Nyaguhabwa icubahiro nta ngere, Yavuze Iti:﴿ قُولُوا آمَنَّا بِاللَّهِ وَمَا أُنْزِلَ إِلَيْنَا وَمَا أُنْزِلَ إِلَى إِبْرَاهِيمَ وَإِسْمَاعِيلَ وَإِسْحَاقَ وَيَعْقُوبَ وَالْأَسْبَاطِ وَمَا أُوتِيَ مُوسَى وَعِيسَى وَمَا أُوتِيَ النَّبِيُّونَ مِنْ رَبِّهِمْ لَا نُفَرِّقُ بَيْنَ أَحَدٍ مِنْهُمْ وَنَحْنُ لَهُ مُسْلِمُونَ﴾ ﴾Bislamu! Nimwishure abayahudi n'abanaswara muvuge muti: "Twaremeye Imana Imwe Rudende Allah, Qor'ani Yatumanuriye ihishuriwe Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah); twaremeye n'ivyo Yamanuriye Intumwa zayo: Ibrahimu, Ismayili, Is-haka, Yakubu n'Intumwa zarungitswe mu ruvyaro rwiwe; twaremeye na Tawurati yahawe Intumwa Musa, Injili yahawe Intumwa Isa mwene Mariyamu, hamwe rero n'ivyahawe Abavugishwamana bose bivuye ku Mana yabo Rurema Allah. Ntituvangura namba rero hagati yabo ngo twemere uyu duhakane uriya, tubemera bose. Kandi rero twebwe ku Mana Allah turi abislamu twicisha bugufi mu kuyiyegereza mu vyo dukora vyose tukayisenga tutayibangikanya"﴿.[Al-Baqara: 136].

Turemera ko Imana Allah, Nyaguhabwa icubahiro nta ngere, Yamanuriye Intumwa zayo Ibitabu, kugira bibe icemezo n'umuco w'inzira igororotse ku biremwa.

gutyo nya Ntumwa ziheze zigishe ibiremwa, zongere zivyeze hakoreshejwe nya Bitabu.

Turemera kandi ko irungikwa ry'Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ku bantu bose, ryahanaguye ayandi mategeko n'amabwirizwa yarungitswe hambere yiwe, gutyo Imana Allah Igira Qor'ani kuba ari yo iganza ikanasubirira ibindi Bitabu vyamanuwe; ni ukuri Imana Allah Yariyemeje kuyibungabunga, ntizovogerwa mu guhindurwa canke mu kwongerwamwo n'ikintu na kimwe. Imana Allah, Nyaguhabwa icubahiro nta ngere, Yavuze Iti:﴿ إِنَّا نَحْنُ نَزَّلْنَا الذِّكْرَ وَإِنَّا لَهُ لَحَافِظُونَ﴾ ﴾Mu vy'ukuri ni Twebwe Allah, Twahishuriye Qor'ani Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), kandi ni Twebwe nyene Twishinze kuyibungabunga; nta kizokwongerwamwo nta n'ikizokurwamwo, eka ntizogenda amazimayongo"﴿.[Al-Hijri: 9].Ivyo biri ukwo, kuko Qor'ani ari co Gitabu ca nyuma camanuwe n'Imana Allah ku biremwa, Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yakimanuriwe na we, akaba ari yo Ntumwa ya nyuma yahetuye izindi Ntumwa. Idini ry'ubwislamu na ryo, rikaba ari ryo dini Imana Allah Yashimye ko ryokurikirwa n'abantu bose gushika ku musi w'umuhero w'isi. Imana Allah, Nyaguhabwa icubahiro nta ngere, Yavuze Iti:﴿ إِنَّ الدِّينَ عِنْدَ اللَّهِ الْإِسْلَامُ﴾ ﴾Mu vy'ukuri, idini ryishimiwe n'Imana Allah Yarungikanye Intumwa zose ku biremwa, ni ubwislamu*﴿.["Ubwislamu": Ni ukwicisha bugufi ku Mana Allah mu kuyumvira, mu ntumbero yo kwitonesha kuri Yo, wubahiriza kandi wemera Intumwa zose Yarungitse.][Aali Imraani: 19].

N'Ibitabu vyamanuwe n'Imana Allah bizananye mw'ijuru , vyavuzwe mu Gitabu cayo ca Qor'ani, na vyo ni ibi bikurikira:

QOR'ANI NTAGATIFU: Yamanuwe n'Imana Allah ku Muvugishwamana wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah).

TAWRAATI: Yamanuwe n'Imana Allah ku Muvugishwamana wayo Musa (nyakugira amahoro y'Imana Allah).

INJILI: Yamanuwe n'Imana Allah ku Muvugishwamana wayo Isa (nyakugira amahoro y'Imana Allah).

ZABURI: Yamanuwe n'Imana Allah ku Muvugishwamana wayo Dawudi (nyakugira amahoro y'Imana Allah).

IMIZINGO Y'IMPAPURO YA IBRAHIMU: Yamanuwe n'Imana Allah ku Muvugishwamana wayo Ibrahimu (nyakugira amahoro y'Imana Allah).

INKINGI YA KANE: UKWEMERA INTUMWA

Imana Allah, Nyaguhabwa icubahiro nta ngere, Yavuze Iti:﴿ وَلَقَدْ بَعَثْنَا فِي كُلِّ أُمَّةٍ رَّسُولاً أَنِ اعْبُدُواْ اللّهَ وَاجْتَنِبُواْ الطَّاغُوتَ﴾ ﴾Ni ukuri mu mugwi wose w'abantu, Twararungitse Intumwa ibabwiriza iti: "Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende, muheze muvavanure n'ibangikanyamana mu gusenga ibigirwamana vy'ubwoko bwose"﴿. ["TWAAGHUUT": Ni ikiremwa ico ari co cose gisengwa mu gishingo C'Imana Allah maze kigashimishwa n'iryo sengwa.][An-Nahlu: 36 ].

Turemera ko Imana Allah Yarungitse ku biremwa, Intumwa zibirarikira kwiyegereza Imana Allah mu vyo bikora vyose binayisenga ari Imwe Rudende ata kuyibangikanya n'ikintu na kimwe mu biremwa, hamwe no kugarariza ico ari co cose gisengwa mu biremwa mu gishingo cayo.

n'uko Intumwa zose zarungitswe, ari abantu b'abagabo bakaba n'Abaja bayo; n'uko zari imvugakuri zitabeshuzwa, abagamburukiramana b'abizigirwa, indongozi zirongora abandi mu nzira igororotse; Imana Allah Yazishigikije ivyemezo vy'ibitangaro vyemeza ukuri kwazo; n'uko zashikanye ubutumwa nk'uko zaburungikanwe ata kigabanijweko; n'uko zose zazanye ukuri gutomoye n'uburongozi bugaragara.

Ni ukuri ubutumwa bwazo, guhera ku Ntumwa ya mbere gushika ku ya nyuma muri zo, bwari bwubakiye ku mushinge umwe w'idini, na wo ukaba ari ukwemera Imana Imwe Rudende Allah mu bikorwa vyose vyo kuyiyegereza, hamwe no kutayibangikanya na kimwe mu biremwa.

INKINGI YA GATANU: UKWEMERA UMUSI W'IHEREZO

Imana Allah, Nyaguhabwa icubahiro nta ngere, Yavuze Iti:﴿ اللَّهُ لَا إِلَهَ إِلَّا هُوَ لَيَجْمَعَنَّكُمْ إِلَى يَوْمِ الْقِيَامَةِ لَا رَيْبَ فِيهِ وَمَنْ أَصْدَقُ مِنَ اللَّهِ حَدِيثًا﴾ ﴾Allah, ni Yo Mana ata yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo, ni ukuri Izobegeraniriza hamwe ku musi w'izuka ata amakenga ko utegerezwa gushika, kugira Ibaharurire Inabahembere ivyo mwakoze. Nta n'umwe yoba imvugakuri gusumba Imana Allah mu vyo Yashikirije﴿.[An-Nisaa-u: 87].

Turemera ko hariho umusi w'iherezo, ukaba ari wo musi w'umuhero w'isi ata wundi musi uzobaho inyuma yawo; tukemera n'ibijanye n'uwo musi vyose, mu vyavuzwe n'Imana yacu Rurema Allah mu Gitabu cayo gitagatifu, canke mu vyashikirijwe n'Umuvugishwamana wacu Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah); nko gupfa kw'umuntu, izurwa n'iyegeranywa ry'ibiremwa, ivugira n'ivugirwa ryavyo, ugupimirwa ku munzani no guharurirwa ibikorwa, kuja mu Bwami bw'ijuru canke mu muriro udahera, n'ibindi bitari ivyo bijanye n'umusi w'iherezo.

INKINGI YA GATANDATU: UKWEMERA IVYAGEZWE N'ISHIRWA MU NGIRO RYAVYO, IVYIZA N'IBIBI

Imana Allah, Nyaguhabwa icubahiro nta ngere, Yavuze Iti:﴿ إِنَّا كُلَّ شَيْءٍ خَلَقْنَاهُ بِقَدَرٍ﴾ ﴾Mu vy'ukuri Twebwe Allah, ikintu cose Twakiremye ku rugero rwagezwe kandi ruzwi mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n'ishirwa mu ngiro ryavyo "Lawhu Mahfuudhw"﴿.[Al-Qamaru: 49].

Turemera ivyagezwe n'ishirwa mu ngiro ryavyo; ivyiza n'ibibi. Ivyo vyagezwe, bikaba ari ivyagezwe n'Imana Allah ku biremwa vyose, hisunzwe ubumenyi bwayo buza imbere y'ibiremwa vyayo, mu ntumbero nziza Ibifiseko. Turemera kandi ko ivyo vyose bishikira ibiremwa mu biba vyose kw'isi, biba ku bumenyi no ku bubasha bwayo Nyenukuninahazwa n'uguhabwa icubahiro nta ngere. Bitayeko, turemera ko ivyo vyose biba kandi mu kuntu Yo Yonyene Yabitunganije ata kubangikanywa n'ikintu na kimwe muri ivyo. Tukemera kandi ko ivyagezwe ku biremwa vyanditswe imbere y'iremwa ry'umuntu; turemera n'uko umuntu afise ishaka n'ububasha bwo guhitamwo; akaba ari na we akora ibikorwa ukuri kwo kubikora. Ariko rero, hamwe n'ivyo vyose akora, nta kiba Imana Allah Itakizi, ata bushake eka ata n'ubushobozi bwayo bubayemwo (ubumenyi, ubushake n'ububasha bwayo ni ntahara).

Ukwemera ivyagezwe n'ishirwa mu ngiro ryavyo rero, bigizwe n'intambwe zine, na zo zikaba ari izi zikurikira:

Intambwe ya mbere: Ukwemera ubumenyi bw'Imana Allah buhetuye ikintu ico ari co cose.

Intambwe ya kabiri: Ukwemera ko Imana Allah Yanditse ikintu cose kiriho gushika ku musi w'umuhero w'isi.

Intambwe ya gatatu: Ukwemera ubushake hamwe n'ubushobozi bukwiye bw'Imana Allah, bwo gushira mu ngiro no gutunganya ikintu cose; ico Ishatse ko kiba kiraba; ico Idashatse na co ko kiba ntikiba.

Intambwe ya kane: Ukwemera ko Imana Allah ari Yo Rurema Yaremye ikintu ico ari co cose; ntibangikanywa n'ikintu na kimwe mu bushobozi bwayo bwo kurema.

INTAMBWE YA GATATU: UBUGWANEZA "AL-IHSAAN":

A-IHSAAN (ubugwaneza), ni ukwiyegereza Imana Allah mu vyo ukora vyose unayisenga umutima uri hamwe nk'aho woba uyibona; uramutse wibwiye ko utayibona, menya neza ko Yoyo Ikubona. Imana Allah Nyenicubahiro nta ngere Yavuze Iti:﴿ إِنَّ اللَّهَ مَعَ الَّذِينَ اتَّقَوْا وَالَّذِينَ هُمْ مُحْسِنُونَ﴾ ﴾Mu vy'ukuri Imana Allah, Iri kumwe n'abayitinya mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, hamwe n'abagwaneza mw'ishira mu ngiro ry'ivyo Ibategetse﴿.(An-Nahlu: 128).

ISUKU RY'UKWIHUMANURA

Imana Allah Nyenicubahiro nta ngere Yavuze Iti:﴿ إِنَّ اللَّهَ يُحِبُّ التَّوَّابِينَ وَيُحِبُّ الْمُتَطَهِّرِينَ﴾ ﴾Mu vy'ukuri, Imana Allah Irakunda abigaya kenshi, Iranakunda abisukuye mu kwiyeza ivyaha n'umwanda﴿.(Al-Baqara: 222).

Intumwa (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:"Uwutunganije isuku ryo gusenga nk'uku ndaritunganije, hanyuma agasenga ivyunamo bibiri umutima wiwe uri hamwe ata kindi kiri mu mutima wiwe kimuciramwo, Imana Allah Ica Imubabarira ibicumuro yakoze imbere y'aho".Yashikirijwe na Al-Bukhaariy.

Bimwe mu vyerekana ko isengesho rihambaye, ni kuba imbere yo kurisenga, Imana Allah Yategetse ko umuntu abanza kwihumanura; Yanagize ukwo kwihumanura, ko ari igisabwa kugira ngo ryemerwe. Ukwihumanura rero, ni urufunguruzo rw'isengesho, kukaba gufise n'ivyiza bituma umushaha uhurumbira gusenga. Intumwa (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:"Ukwihumanura kugize igice c'ukwemera; ugushimagiza Imana Allah uvuga uti: "AL-HAMDU LILLAAH" na kwo, guhemberwa indishi ziremereye kw'isahani y'umunzani w'ivyiza; ukuninahaza Imana Allah mu kuvuga uti: "SU-BHAANA LLAAHI WAL-HAMDU LILLAAH" na vyo, bihemberwa ivyiza vyuzuye hagati y'amajuru n'isi; isengesho na ryo, ni umuco (umuco uranga umwemeramanamu kumumurikira mu maso hiwe, mu mushaha wiwe, mu mva yiwe no ku musi w'izuka ryiwe); imperezwa na yo, ni icemezo kigaragaza ukwemera kw'umuntu; ukwihangana na kwo, ni umuco (umuco wakiriza umuntu mu guhangana n'ibimushikira); Qor'ani na yo, ni icemezo kizokuvugira canke kikakwagiriza ku musi w'izuka. Burya umwe wese mu bantu, yisanga yagurishije (buca agurisha) umushaha wiwe: hakaba rero uwuwurokora n'umuriro udahera, canke uwuheza akawuta muri wo".Yashikirijwe na Muslimu.

Intumwa (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yarongeye ivuga iti:"Uwutunganije isuku ryo gusenga maze akaritunganya neza, ibicumuro vyiwe bica bimuvako gushika n'aho n'ibiri musi y'inzara bivayo".Yashikirijwe na Muslimu.

Umuntu rero, araheza agatumbera Imana yiwe Rurema Allah, akayitumbera yihumanuye mu kugira isuku ry'ibiboneka, akarigira mu gutunganya isuku ryo gusenga "wudhu", akanagira n'isuku ry'ibitaboneka, akarigira mu gusenga ku bw'Imana Allah Nyenicubahiro nta ngere, akabigenza nk'uko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yabigenza.

IBINTU ARI NGOMBWA KO BIKORWA HABANJE GUTUNGANYWA ISUKU RYO GUSENGA:

1. Ugusenga isengesho iryo ari ryo ryose; ryaba ari isengesho-bwirizwa (FARADWI) canke iryo kwitonesha "NAAFILAT".

2. Ikikura rya Al-Ka'ba.

3. Ugukora ku Musahafu (Qor'ani).

Ntunganya isuku ryo gusenga nkongera nkiyuhagira nkoresheje amazi meza asukuye

Amazi kama meza asukuye: Ni amazi ayo ari yo yose azanana mu kirere (y'imvura) canke azanana mu kuzimu (ay'imbizi), akaba agifise kameremere ndemanwa kayo, atigeze ahindura na kimwe mu bintu bitatu biyaranga, na vyo bikaba ari: ibara, akanovera hamwe rero n'akamoto. Mu gihe rero ayo mazi yohindura na kimwe muri ivyo, aca atakaza kameremere k'amazi meza asukuye.

ITUNGANYA RY'ISUKU RYO GUSENGA:

Ubwa mbere: Izirikanagikorwa (Niyya): Iryo zirikana na ryo, rikaba ribera mu mushaha. Ijambo "Niyya", risigura ishaka ry'umushaha ryo gutunganya igikorwa nyegerezamana (Ibaada), mu ntumbero yo kuyiyegereza.

Ubwa kabiri: Ukuvuga uti: "BISMI LLAAH" (Ntanguye kw'izina ry'Imana Allah).

Ubwa gatatu: ukwoza ibiganza bibiri incuro zitatu.

Ubwa kane: Ukwiyugumura incuro zitatu.

Ijambo "MADW-MADWA", risigura ukwiyugumura hakoreshejwe amazi umuntu ashira mu kanwa agaheza akayakwiragiza hirya no hino mu kanwa, hanyuma akayacira.

Ubwa gatanu: Ugushikana amazi mu mazuru "ISTIN-SHAAQ" hanyuma ukayapfuna, incuro zitatu. Ijambo "ISTIN-SHAAQ", risigura ugushikana amazi mu mazuru uyakwegesheje impwemu gushika n'aho umuntu ayumvira kure mu mazuru.

Nayo ijambo "ISTIN-THAAR", risigura ugusohora amazi canke ibiseru biri mu mazuru n'ibindi, maze ugapfuna mu kubisohora (ukabisohoza impwemu).

Ubwa gatandatu: Ukwoza mu maso incuro zitatu.

Aho mu maso hagera:

Mu maso, hagizwe n'igice c'imbere c'umutwe kiboneka.

Aho ubukika bwo mu maso bugera: Buhera ku gutwi bugashika ku kundi.

Aho uburebure bwo mu maso bugera: Butangurira ku bumerero bw'umushatsi gushika musi y'agasakanwa.

Ukwoza mu maso rero, hakubiyemwo guhera ku bumerero bw'umushatsi (harimwo n'amasoso) gushika musi y'agasakanwa, harimwo n'agace kari hagati y'ijisho n'ugutwi hamwe n'ubwanwa buhamerera.

Agace k'umubiri kari hagati y'ijisho n'ugutwi, mu carabu kitwa "BAYAADWU".

Ubwanwa bumerera ku gace kari hagati y'ijisho n'ugutwi, hambavu y'intoboro y'ugutwi, mu carabu bwitwa "ADHAARU".

Ukwoza mu maso rero, hakubiyemwo n'ukwoza ubwanwa aho bugera hose.

Ubw'indwi: Ukwoza amaboko abiri, uhereye ku mitwe y'intoki gushika haruguru gato y'inkokora, incuro zitatu.

Inkokora na zo nyene, ziharurwa mu duce dutegetswe kwozwa ku maboko.

Ubw'umunani: Uguhanagura ku mutwe hamwe no ku matwi hakoreshejwe ibiganza bibomvye, incuro imwe gusa.

Umuntu mu guhanagura ku mutwe, ahera ku bumerero bw'umushatsi akoresheje ibiganza ajana amaja ku gakomokomo, hanyuma akagarura nya biganza aho yatanguriye.

Araheza agahanaguza gakombankono mu gutwi, hamwe n'urukumu ku bikobeko vyakwo, gutyo akaba ahanaguye mu gutwi n'inyuma yakwo.

Ubw'icenda: Ukwoza ibirenge bibiri, uhereye ku mitwe y'amano gushika ku maso y'ikirenge, maze bikagirwa incuro zitatu. Amaso y'ikirenge, aharurwa mu duce tw'ikirenge dutegetswe kwozwa.

Amaso y'ikirenge, ni turya tugufa dutunye amaja hepfo aho umurundi uhurira n'ikirenge.

Ubw'icumi: Biri mu migenzo y'intumwa, ko umwislamu iyo ahejeje gutunganya isuku ryo gusenga, avuga ati: "ASH-HADU AL-LAA ILAAHA ILLA LLAAHU WAHDAHUU LAA SHARIIKA LAHU, WA-ASH-HADU ANNA MUHAMMADAN ABDUHU WARASUULUH. ALLAHUMMA J-'ALNII MINA TTAWWAABIINA WA J-'ALNII MINA L-MUTATWAHHIRIINA", (Ndemeye ku mutima wanje, ndavyatuye n'ururimi rwanje nemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa vy'ukuri atari Imana Imwe Rudende Allah Itabangikanywa. Ndemeye kandi ku mutima wanje, ndavyatuye n'ururimi rwanje nemanga ko Muhamadi ari Umuja n'Intumwa yayo. Mana yanje Nzima! Nshira mu bantu bigaya, Unshire no mu bantu barangwa n'isuku ry'umutima n'umubiri). Ivyo bikemezwa n'inyigisho y'intumwa, aho Intumwa (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Uwutunganije isuku ryo gusenga maze akaritunganya neza, hanyuma agaca avuga ati: "ASH-HADU AL- LAA ILAAHA ILLA LLAAHU WAHDAHUU LAA SHARIIKA LAHU, WA-ASH-HADU ANNA MUHAMMADAN ABDUHU WARASUULUH. ALLAHUMMA J-'ALNII MINA TTAWWAABIINA WAJ-'ALNII MINA L-MUTATWAHHIRIINA", aca yugururirwa imiryango umunani y'Ubwami bw'ijuru, akazobwinjira aciye mu muryango ashatse muri yo". Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy.

IVYONONA ISUKU RYO GUSENGA: Isuku ryo gusenga, ryononwa n'ibi bikurikira:

1. Ikizananye mu nzira zibiri (mu bwambure bw'imbere no mu bw'inyuma); nk'abasobwe, amazirantoki, umusuzi, intanga "Maniy", hamwe rero n'amazi arenduka aboneka mu gihe habaye ukwipfuza irangura ry'amabanga y'abubatse "Madhiy".

2. Ugutakaza ubwenge bitewe no gusinzira, kugwa igihumura, kuborerwa hamwe rero no gukeherwa n'ubwenge (gusara).

3. Kirya cose gituma biba ngombwa kwiyuhagira; nko kurangura amabanga y'abubatse canke gusohora intanga, kuja mu butinyanka hamwe rero no kuja mu kiriri.

Iyo umuntu ahejeje kwitabara (kwiherera mu kwituma canke kwihagarika), ategerezwa kwisukura ibihumanya "najsi" akoresheje amazi meza asukuye, bikaba ari na vyo vyiza; canke agakoresha ibindi bisukuzo atari amazi ; nk'amabuye, amababi y'ibiti, igitambara, n'ibindi bisukuzo bisukuye birekuwe gukoreshwa. Bikaba ari ngombwa rero muri ico gihe, ko ahanagura ibihumanya incuro zitatu canke zirenga kugeza aho hatagata (hasukuka).

UGUHANAGURA KURI "KHUFFU*" NO KU MASHESHETI*KHUFFU, ni amashesheti akozwe mu rusato.

Mu gihe umuntu yambaye khuffu canke amashesheti, arashobora guhanagurako atarinze kuyakura ngo yoze ibirenge igihe co gutunganya isuku ryo gusenga, mu gihe hubahirijwe ibisabwa bikurikira:

1. Kuba yazambaye abanje kwihumanura bitewe n'ihumana ry'umubiri rito canke ihumana ry'umubiri rikuru.(Ihumana ry'umubiri rito, ni birya vyose bishikira umuntu, bigatuma ategerezwa gutunganya isuku ryo gusenga. Nayo ihumana ry'umubiri rikuru, ni birya vyose bishikira umuntu, bigatuma ategerezwa kwiyuhagira).

2. Kuba yazambaye zisukuye ata bihumanya ziriko.

3.Kuzihanagurako mu kiringo kirekuwe kitarenga ntikirenguke.

4. Kuba zahinguwe mu bintu birekuwe (bidahumanye); Nk'akarorero ntizibe ari izibwe canke izambuwe umuntu (izanyazwe umuntu).

Khuffu, ni nk'amashesheti, zambarwa ku birenge, zihinguwe mu rusato rworoshe canke mu kindi kintu. Ibindi bifatwa nka khuffu, ni ibirato bipfuka ibirenge. Ijambo "jawrabu", risigura amashesheti. Na yo akaba yambarwa ku birenge, ahinguwe mu gitambara canke mu kindi kintu.

INTUMBERO Y'IBWIRIZWA RYO KUREKURIRWA GUHANAGURA KURI KHUFFU: Intumbero yo guhanagura kuri khuffu, ni ukworohereza n'ugutezurira abislamu bigora kwama bakuye khuffu canke amashesheti mu gihe co kwoza ibirenge, na canecane mu bihe vy'urushana n'igikonyozi cinshi, canke mu gihe bari ku rugendo.

IKIRINGO CO GUHANAGURAKO : Umusangwa (Umuntu ari ku muhana aho asanzwe aba), arekuriwe guhanagura mu kiringo c'umurango n'ijoro (amasaha 24). Umuntu ari ku rugendo na we, arekuriwe guhanagura mu kiringo c'imirango itatu n'amajoro yayo (amasaha 72).

Umuntu atangura guharura ico kiringo, ahereye ku ncuro ya mbere ahanaguriye kuri khuffu canke ku mashesheti, mu nyuma y'aho azambariye amaze gutunganya isuku ryo gusenga.

UBURYO BWO GUHANAGURA KURI KHUFFU CANKE KU MASHESHETI:

1. Kubombekwa kw'ibiganza bibiri.

2. Gucisha ikiganza hejuru y'ikirenge (ku mugongo w'ikirenge), ugahanagura uhereye ku mitwe y'amano gushika aho umurundi utangurira.

3. Ikirenge c'ukuryo, gihanagurwa n'ikiganza c'ukuryo, mu gihe ikirenge c'ukubamfu na co gihanagurwa n'ikiganza c'ukubamfu.

Ivyonona uguhanagura: 1. Kirya cose gituma biba ngombwa kwiyuhagira. 2. Ukurangira kw'ikiringo co guhanagura.

UKWIYUHAGIRA

Iyo umugabo canke umugore baranguye amabanga y'ababutse n'aho intanga zitokwisesa; canke iyo hasohotse intanga bitewe n'ukwipfuza irangura ry'amabanga y'abubatse mu gihe umuntu akanura canke asinziriye, bategerezwa kwiyuhagira kugira bashobore gusenga, canke gukora ibintu hasabwa imbere y'ukubikora ko umuntu abanza kwihumanura.Ni nk'uko nyene rero, iyo umugore avuye mu butinyanka canke mu kiriri, ategerezwa kubanza kwiyuhagira kugira ashobore gusenga, canke gukora ibintu hasabwa imbere y'ukubikora ko umuntu abanza kwihumanura.

UBURYO BWO KWIYUHAGIRA: Ukwiyuhagira bikorwa mu buryo bukurikira:

Umwislamu asabwa gukwiragiza amazi ku mubiri wose, mu buryo ubwo ari bwo bwose, hakabamwo no gushira amazi mu kanwa akiyugumura, hatibagiwe gushikana amazi mu mazuru hanyuma umuntu akayasohora nk'uwupfuna. Iyo rero umuntu akwiragije amazi umubiri wose, aba yihumanuye ihumana ry'umubiri rikuru, gutyo rero isuku ryiwe rikaba ritunganye.

Hari ubundi buryo bwo kwiyuhagira buhimbaye kurusha ubwo, bukaba ari na bwo buryo bwakoreshwa n'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah). Ubwo buryo ni ubu bukurikira:

1. Izirikanagikorwa ryo kwihumanura ihumana ry'umubiri.

2. Kuvuga uti: "BISMI LLAAH" mu gihe utanguye, maze ukoza ibiganza incuro zitatu, hanyuma ugaca woza ubwambure.

3. Gutunganya isuku ryo gusenga nka kurya umwislamu abigenza imbere yuko asenga.

4. Gusukira amazi ku mutwe incuro zitatu, maze umuntu agashikana neza na neza amazi ku rukoba rw'umutwe ku buryo anyengetera mu mu mushatsi.

5. Gusukira agakwiragiza amazi umubiri wose, ahereye ku ruhande rw'iburyo, hanyuma agakurikiza uruhande rw'ibubamfu, agaheza akitwararika kunyukura n'intoki kugira ashikane neza amazi ku duce twose tw'umubiri.

IBIZIRA GUKORWA IGIHE C'IHUMANA RY'UMUBIRI UMUNTU ATABANJE KWIYUHAGIRA: Kirazira ko umuntu ari mw'ihumana ry'umubiri ko akora ibintu bikurikira atabanje kwiyuhagira:

1. Ugusenga.

2. Ugukikura Al-Ka'ba.

3. Ukuguma mu musigiti: Ararekuriwe kuhaca gusa arengana ata kugumayo.

4. Ugukora ku Musahafu (Qor'ani).

5. Ugusoma Qor'ani.

UKWIHUMANUZA IVU (TAYAMMUM)

Iyo umwislamu ataronse amazi yokoresha mu kwihumanura, canke adashoboye kuyakoresha ku mvo z'uburwayi n'ibindi, maze agatinya ko umwanya w'isengesho womuherana, araheza akihumanuza ivu.

Ukuntu bihumanura rero, ni uko umuntu akubita ibiganza hasi incuro imwe, hanyuma agaca abihanaguza mu maso no ku biganza vyiwe gusa. Birasabwa rero ko ivu riba risukuye (ritagiramwo ibihumanya).

Ukwihumanuza ivu, kwononwa n'ibi bintu bikurikira:

1. Ukwihumanuza ivu, kwononwa na kirya cose conona isuku ryo gusenga hakoreshejwe amazi.

2. Iyo amazi abonetse imbere yuko uwihumanuje ivu atangura igikorwa nyegerezamanacatumye yihumanura.

ISENGESHO

Imana Allah Yategetse umwislamu gusenga ku murango no mw'ijoro amasengesho atanu, na yo akaba ari aya akurikira: isengesho ryo mu mutwenzi, iryo ku mutaga, iryo ku muhingamo, iryo ku kirengazuba hamwe rero n'iryo mu kazange.

UKWITEGURIRA ISENGESHO

Iyo umwanya w'isengesho ugeze, umwislamu ashoka yihumanura ihumana ry'umubiri rito n'ihumana ry'umubiri rikuru mu gihe yoba yari mw'ihumana ry'umubiri rikuru.

Ihumana ry'umubiri rikuru: Ni ivyo vyose bishikira umuntu, bigatuma umwislamu ategerezwa kwiyuhagira.

Ihumana ry'umubiri rito: Ni ivyo vyose bishikira umuntu, bigatuma umwislamu ategrezwa gutunganya isuku ryo gusenga.

Umwislamu asenga yambaye impuzu zisukuye, zipfuka ubwambure bwiwe, agasengera ahantu hasukuye hatagira ibihumanya.

Umwislamu rero iyo agiye gusenga, araheza agashaza mu kwambara impuzu nziza zibereye (akikwiza); kandi ntibirekuwe ku mugabo ko haboneka na kimwe mu bihimba biri hagati y'umukondo n'amavi mu gihe co gusenga.

Ku mugore, ni ngombwa ko yambara akikwiza agapfuka ibihimba vy'umubiri wiwe wose igihe co gusenga, kiretse gusa mu maso no ku biganza.

Iyo umwislamu ariko arasenga, ntarekuriwe kuvuga na kimwe, kiretse gusa amajambo nyezina yega isengesho. Asabwa guceceka akumviriza uwusengesha "Imaamu". Ntakebaguzwa ari mw'isengesho. Iyo adashoboye kuba azi amajambo nyezina yega isengesho, araheza agatazira Imana Allah ayininahaza gushika ahejeje isengesho. Birakenewe ko yihatira kwiga ukuntu basenga hamwe n'amajambo nyezina yabigenewe.

Kugira rero dusenge neza isengesho ryemewe rikwije ibisabwa ku bushobozi bw'Imana Allah, dutegerezwa kwama dukurikiza izi ntambwe tukanazitwararika uku gukurikira:

Intambwe ya mbere: Ukugira izirikanabikorwa ry'isengesho-bwirizwa nshaka gusenga. Iryo zirikanabikorwa na ryo rikaba ribera mu mushaha.

Inyuma yo gutunganya isuku ryo gusenga, ndaheza nkerekeza mu butumbero bwo gusenga "Qibla", ngasenga mpagaze mu gihe binshobokeye.

Intambwe ya kabiri: Ndaduza amaboko yanje gushika ku rugero rw'ibitugu, ngaca mvuga nti: "ALLAAHU AKBAR " (Imana Allah ni Yo Nkuru, nikuzwe) , nkabivuga nzirikana ko ntanguye gusenga.

Intambwe ya gatatu: Nca nsoma igisabisho co gutangura isengesho, ngakoresha bimwe mu bisabisho vyakiriwe ku Ntumwa (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah). Muri ivyo bisabisho, ni ukuvuga uti:"SUB-HAANAKA LLAAHUMMA WABIHAMDIKA, WATABAARAKA SMUKA, WATA-'AALAA JADDUKA, WALAA ILAAHA GHAYRUKA" (Ininahazwa n'ishimagizwa ni ivyawe Mana Allah! Izina ryawe niryubahwe, impano zawe nizishimwe; nta Mana y'ukuri ibwirijwe gusengwa vy'ukuri atari Wewe).

Intambwe ya kane: Ndikinga ku Mana Allah ngo Inkingire inyoshambi za shetani yavumwe maze nkavuga nti:"A'UUDHU BILLAAHI MINA SSHAYTWAANI RRAJIIM" (Ndikinze ku Mana Allah, Inkingire inyoshambi za shetani yavumwe).

Intambwe ya gatanu: Nsoma igisomwa c'Intango "Al-Faatiha" ku cunamo kimwekimwe cose, maze nkavuga nti:﴿ الْحَمْدُ لِلَّهِ رَبِّ الْعَالَمِينَ * "BISMI LLAAHI RRAHMAANI RRAHIIM. (Kw'izina ry'Imana Allah, Nyenimpuhwe ku biremwa vyose, Nyenimbabazi ku batoni bayo). ALHAMDU LILLAAHI RABBI L-'AALAMIIN. (Nihashimagizwe Imana Allah, Umubungabunzi w'ibiremwa).الرَّحْمَنِ الرَّحِيمِ * ARRAHMAANI RRAHIIM. (Nyenimpuhwe ku biremwa vyose, Nyenimbabazi ku batoni bayo).مَالِكِ يَوْمِ الدِّينِ * MAALIKI YAWMI DDIIN. (Umwami Aganza umusi w'impera).إِيَّاكَ نَعْبُدُ وَإِيَّاكَ نَسْتَعِينُ * IYYAAKA NA-'BUDU WA-IYYAAKA NASTA'IIN. ( Ni Wewe gusa twiyegereza mu vyo dukora vyose tukanagusenga, kandi ni Wewe gusa dutakambira mu gusaba imfashanyo).اهْدِنَا الصِّرَاطَ الْمُسْتَقِيمَ * IHDINA SSWIRAATWA L-MUSTAQIIM. (Turongore mu nzira igororotse).صِرَاطَ الَّذِينَ أَنْعَمْتَ عَلَيْهِمْ غَيْرِ الْمَغْضُوبِ عَلَيْهِمْ وَلَا الضَّالِّينَ﴾. SWIRAATWA LLADHIINA AN'AMTA 'ALAYHIM GHAYRI L-MAGH-DWUUBI 'ALAYHIM WALA DDWAALLIIN (Inzira y'abo Wahezagiye Ukabaha inema, itari iy'abo Washavuriye (Abayahudi), canke iy'abahuvye (Abanaswara)".

Hanyuma ngaca nitabira mvuga nti: "AAMIIN". Iryo jambo risigura riti: (Ewe Mana yanje Nzima! Nyakirira igisabisho canje).

Mpejeje gusoma igisomwa c'Intango, nca nsoma ibinyoroheye muri Qor'ani ku cunamo ca mbere no ku ca kabiri gusa, mw'isengesho iryo ari ryo ryose. Ukugerekako ikindi gisomwa kikworoheye muri Qor'ani, si ngombwa, ariko kubigira harimwo indishi nyinshi.

Intambwe ya gatandatu: Nca mvuga nti: "ALLAAHU AKBAR" (Imana Allah ni Yo Nkuru nikuzwe). Hanyuma ngaca nunama kugera aho umugongo uringanira ugororotse; ibiganza na vyo bifashe ku mavi, intoki zitatanye, hanyuma ngaca mvuga nunamye nti: "SUB-HAANA RABBIYA L'ADHWIIM" (Nihaninahazwe Imana yanje Rurema Allah, Nyenicubahirogisumbavyose), incuro zitatu.

Intambwe y'indwi: Ndunamuka mvuga nti: "SAMI'A LLAAHU LIMAN HAMIDAH" (Imana Allah Yamaze kwumva uwuyishimagiza); ngaca nduza amaboko gushika ku rugero rw'ibitugu. Maze guhagarara nkagororoka neza ngaca mvuga nti: "RABBANAA WALAKA L-HAMDU" (Mana yacu Rurema Allah, ni Wewe Nyenugushimagizwa).

Intambwe y'umunani: Mvuga nti: "ALLAAHU AKBAR" (Imana Allah ni Yo Nkuru nikuzwe), ngaca nubama ku maboko, ku mavi, ku mitwe y'amano, ku ruhanga hamwe n'izuru, ngaheza nkavuga mu gihe nubamye nti: "SUB-HAANA RABBIYA L-A'LAA " (Nihaninahazwe Imana yanje Rurema Allah, Nyenicubahiro- Ntangere), incuro zitatu.

Intambwe y'icenda: Mvuga nti: "ALLAAHU AKBAR" (Imana Allah ni Yo Nkuru, nikuzwe); nkubamuka gushika n'aho nicara ku kirenge c'ukubamfu ngoroye umugongo, nshinze ku mano ikirenge c'ukuryo, ngaca mvuga nti: "RABBI GHFIRLII" ( Mana yanje Rurema Allah! Mbabarira ibicumuro vyanje), incuro zitatu.

Intambwe y'icumi: Mvuga nti: "ALLAAHU AKBAR" ( Imana Allah ni Yo Nkuru, nikuzwe); ngaca nubama ubugira kabiri, nka kurya nabigenjeje ubwa mbere.

Intambwe ya cumi na rimwe: Ndubamuka mvuga nti: "ALLAAHU AKBAR" (Imana Allah ni Yo Nkuru, nikuzwe); maze ngahaguruka gushika aho mpagarara ngororotse neza. Mu vyunamo bisigaye ndaheza nkabigenza nka kurya nabigize mu cunamo ca mbere.

Mu nyuma yo gusenga icunamo ca kabiri mw'isengesho ryo ku mutaga, iryo ku muhingamo, iryo kukirengazuba n'iryo ku kazange, nca nicara kugira nsome iyemanga rya mbere "TASHA-HHUDUL AWWAL", na ryo rikaba ari:"ATTAHIYYAATU LILLAAHI, WASSWALAWAATU WATTWAYYIBAATU, ASSALAAMU ALAYKA AYYUHA NNABIYYU WARA-HMATU LLAAHI WABARAKAATUH, ASSALAAMU ALAYNAA WA'ALAA IBAADI LLAAHI SSWAALIHIIN. ASH-HADU ALLAA ILAAHA ILLA LLAAH, WA-ASH-HADU ANNA MUHAMMADAN ABDUHU WARASUULUH" ( Indamutso y'amahoro yamaho, amasengesho n'ivyiza bitegetswe vyose, bikwiye Imana Allah. Ntumwa y'Imana! Gira amahoro, impuhwe n'imigisha y'Imana Allah, kandi na twe twese dusangwe amahoro n'abaja b'Imana beranda. Ndemeye ku mutima wanje, ndavyatuye n'ururimi rwanje, nemanga ko ata mana y'ukuri ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah. Kandi ndemeye ku mutima wanje, ndavyatuye n'ururimi rwanje, nemanga ko Muhamadi ari Umuja wayo akaba n'Intumwa yayo).Hanyuma ngaheza ngahaguruka kugira nsenge icunamo ca gatatu inyuma y'aho.

Mu gusozera icunamo ca nyuma mw'isengesho iryo ari ryo ryose, ndaheza nkicara kugira nsome iyemanga rya nyuma "TASHA-HHUDUL AKHIIR", na ryo rikaba ari:"ATTAHIYYAATU LILLAAHI, WASSWALAWAATU WATTWAYYIBAATU, ASSALAAMU ALAYKA AYYUHA NNABIYYU WARA-HMATU LLAAHI WABARAKAATUH, ASSALAAMU ALAYNAA WA'ALAA IBAADI LLAAHI SSWAALIHIIN. ASH-HADU ALLAA ILAAHA ILLALLAAH, WA-ASH-HADU ANNA MUHAMMADAN ABDUHU WARASUULUH ". "ALLAAHUMMA SWALLI ALAA MUHAMMADIN WA'ALAA AALI MUHAMMADIN KAMAA SWALLAYTA ALAA IBRAAHIIMA WA'ALAA AALI IBRAAHIIMA, INNAKA HAMIIDUN MAJIIDUN. ALLAAHUMMA BAARIK ALAA MUHAMMADIN WA'ALAA AALI MUHAMMADIN KAMAA BAARAKTA ALAA IBRAAHIIMA WA'ALAA AALI IBRAAHIIMA, INNAKA HAMIIDUN MAJIIDUN"(Ewe Mana yanje Rurema Allah! Hundagaza impuhwe zawe ku Ntumwa Muhamadi n'umuryango w'Intumwa Muhamadi, nk'uko Wahundagaje impuhwe zawe ku Ntumwa Ibrahimu n'umuryango w'Intumwa Ibrahimu. Ewe Mana yanje Rurema Allah! Hezagira Intumwa Muhamadi n'umuryango w'Intumwa Muhamadi, nk'uko Wahezagiye Intumwa Ibrahimu n'umuryango w'Intumwa Ibrahimu.Mu vy'ukuri Wewe, ni Nyenugushimagizwa Nyeniteka).

Intambwe ya cumi na kabiri: Mu nyuma y'aho, nca ndamutsa iburyo bwanje mvuga nti: ASSALAAMU 'ALAYKUM WARAHMATU LLAAH" (Nimugire amahoro n'impuhwe z'Imana Allah). Ngasubira nkaramutsa n'ibubamfu bwanje nti: "ASSALAAMU 'ALAYKUM WARAHMATU LLAAH" (Nimugire amahoro n'impuhwe z'Imana Allah). Izo ndamutso ndazigira nzirikana kurangiza isengesho. Aho rero mba nsenze isengesho rikwije ibisabwa).

UKWITWIKIRA KW'UMUKENYEZI W'UMWISLAMUKAZI

Imana Allah Nyenicubahiro ntangere Yavuze Iti:﴿ يَا أَيُّهَا النَّبِيُّ قُلْ لِأَزْوَاجِكَ وَبَنَاتِكَ وَنِسَاءِ الْمُؤْمِنِينَ يُدْنِينَ عَلَيْهِنَّ مِنْ جَلَابِيبِهِنَّ ذَلِكَ أَدْنَى أَنْ يُعْرَفْنَ فَلَا يُؤْذَيْنَ وَكَانَ اللَّهُ غَفُورًا رَحِيمًا﴾ ﴾Muvugishwamana! Bwira abakenyezi bawe, abakobwa bawe hamwe n'abakenyezi b'abemeramana, barenze ku mutwe umwitwikiro upfuka mu maso no mw'izosi gushika ku gikiriza; ukwo kwitwikira rero, ni ukugira abakenyezi biyubahirize banamenyekane, maze ntibabangamirwe n'ibihumbu. Burya Imana Allah, Yamye ari Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo﴿ .(Al-Ah-zaabu: 59).

Imana Allah Yarategetse umwislamukazi ko yitwikira, akambara impuzu zimenyerewe aho aherereye, akikwiza mu gupfuka ubwambure bwiwe hamwe n'umubiri wiwe wose mu gihe ari kumwe n'abagabo batari ba kizira kuri we. Ntarekuriwe na gato gukura umwitwikiro wiwe, kiretse mu gihe yoba ari kumwe n'umugabo wiwe canke ba kizira kuri we. Abo na bo bakaba ari: se kubandanya uduga kuri ba sekuru na ba sekuruza; umwana wiwe kubandanya umanuka ku buzukuru n'abuzukuruza; ba sewabo na ba inarume biwe; musazawe, umwana wa musazawe n'uwa mwenewabo (abishwa biwe); umugabo wa nyina, sebukwe wiwe kubandanya uduga kuri ba sekuru na ba sekuruza; umwana w'umugabo wiwe kubandanya umanuka ku buzukuru n'abuzukuruza; musazawe ku kwonka rimwe (basangiye ibere batavukana); umugabo w'uwamwonkeje (atari nyina yamuvyaye). Ugusangira ibere kuziririza kuri we, birya vyose bisanzwe bizira bikaziririzwa ku mvo zo gusangira amaraso.

Umwislamukazi yitwararika kuba impuzu yambara yubahirije ibi bikurikira:

Ubwa mbere: Kuba ipfuka umubiri wose.

Ubwa kabiri: Kuba uwo mukenyezi atayambaye ku mvo zo kuberwa no gushaza imbere y'abagabo atari ba kizira kuri we (mu gihe yoba ari kumwe na bo).

Ubwa gatatu: Kuba itabonerana ngo yerekane umubiri wiwe.

Ubwa kane: Kuba yagutse itamwegereye, ku buryo idashushanya ibihimba vy'umubiri.

Ubwa gatanu: Kuba itariko ibimoga mu gihe yoba aza kurengana agaca ahari abagabo atari ba kizira kuri we, bagahava bamoterwa n'akamoto kamuvamwo ka nya bimoga.

Ubwa gatandatu: Kuba idasusa n'impuzu z'abagabo.

Ubw'indwi: Kuba idasusa n'impuzu z'abatari abislamukazi bambara mu gihe bari mu masengesho canke mu misi mikuru yabo.

Ubw'umunani: Kuba atari impuzu yotuma aba rurangiranwa.

ZIMWE MU NYIFATO N'IMIGENZO VY'UMWEMERAMANA

Imana Allah Nyenicubahiro ntangere Yavuze Iti:﴿ إِنَّمَا الْمُؤْمِنُونَ الَّذِينَ إِذَا ذُكِرَ اللَّهُ وَجِلَتْ قُلُوبُهُمْ وَإِذَا تُلِيَتْ عَلَيْهِمْ آيَاتُهُ زَادَتْهُمْ إِيمَانًا وَعَلَى رَبِّهِمْ يَتَوَكَّلُونَ﴾ ﴾Ni ukuri, abemeramana vy'ukuri ni barya iyo havuzwe Imana Allah, imitima yabo ihinda agashitsi; iyo naho basomewe Aayah zayo ziri muri Qor'ani zibongerereza ukwemera ku kwemera basanganwe, kandi bishimikiza Imana yabo Rurema Allah bakayizera﴿.(Al-Anfaal: 2).

- Imvugakuri mu biyago vyiwe vyose, ntiyigera abesha namba;

- Arubaha akubahiriza mu gushitsa isezerano (yahawe n'iryo yatanze);

- Ntashira isoni ngo yerure iyo hagize uwumutatira;

- Arashitsa imbitso (Amaana);

- Arakunda ko umwislamu mwenewabo aronka nk'ivyo yipfuza kuronka (Kwipfuriza mwenewabo ivyo na we akunda);

- Arangwa n'ubugiraneza mu gukunda gutanga no kuzimana abandi;

- Arangwa n'ubugwaneza ku bantu;

- Arunga ubuvandimwe n'abo basangiye amaraso;

- Arishimira ivyagezwe n'Imana Allah kuri we n'ishirwa mu ngiro ryavyo; akanashimira Imana Allah mu mahirwe, akihangana no mu magorwa;

- Arangwa n'isoni;

- Agirira impuhwe ibiremwa;

- Umutima wiwe urejejwe, ntugira inzigo y'inzikira; ibihimba vyiwe vy'umubiri na vyo, ntibirota bigira uwo birenganije ngo bimugirire nabi;

- Aratezurira abantu mu kutabihora (akabihanganira);

- Ntarota arya inyungu izira (riba), eka nta n'iyo atanga;

- Ntasambana;

- Ntanywa inzoga;

- Abana n'ababanyi mu bugwaneza;

- Ntarenganya, eka ntanahemuka;

- Ntiyiba, eka ntanakoresha urwenge mu kwihagira utwa murundi;

- Arubaha akubahiriza agateka k'abavyeyi biwe n'aho boba atari abislamu, akabumvira mu bidaciye kubiri n'amabwirizwa y'Imana Allah;

- Arera abana biwe indero runtu, akababwiriza kugendera amabwirizwa y'ubwislamu, akanabihanikiriza mu kubabuza kurangwa n'indero mbi hamwe no gukora ibizira;

- Ntakora ibikorwa bisusa n'ivy'abatari abislamu, mu bijanye n'ukwemera, inyifato n'imigenzo bibaranga;

- Aragaruka ku Mana Allah akigaya, akayisaba imbabazi ku bicumuro n'ivyaha vyiwe.

AMABWIRIZWA AHAMBAYE MU BIJANYE N'UKWEMERA KW'UMWISLAMU

1. Allah, ni Yo Mana yacu Rurema, nta yindi mana ibwirijwe gusengwa vy'ukuri atari Yo; nta n'iyindi mana yaremye inakwiye gusengwa atari Yo; nta na kimwe rero gisa canke ngo gisuse n'Imana Allah mu kuntu Iteye, mu mazina yayo, mu matazirano yayo no mu bikorwa vyayo; nta kiyinanira, ni Yo rero Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenukubona, Irabona neza ivyo mukora.

2. Imana Allah Nyenukuninahazwa Ikaba na Nyenicubahiro nta ngere, Ihangamye hejuru y'ibiremwa vyayo vyose, ntiri mu vyaremwe; uguhangama kwayo hejuru ya vyose ntikugereranywa, Irengeye vyose mu kungene Iteye, mu cubahiro cayo, no mu bushobozi bwo kuganza kwayo, ni na Yo rero Nyenukuninahazwa, Muhetuzi w'ikintu ico ari co cose.

3. Twemeza mu biranga Imana Allah, ivyo Yo Yonyene Yiyemereje ubwayo; canke ivyemejwe n'Umuvugishwamana wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ko biyiranga mu mazina no mu matazirano; tugahakana ivyo Yo Yonyene Yahakanye ubwayo; canke ivyahakanwe n'Umuvugishwamana wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ko bitayiranga.

4. Imana Allah Nyenicubahiro nta ngere Irakira ibisabo vy'abasavyi, Ikabatunganiriza mu kubakemurira ibibazo, ni na Yo Igaba Ikaganza ibintu vyose; nta gishobora kugira ico ciciye canke kimariye ikindi atari ku bubasha bwayo, ikiremwa nticoreka gukenera Imana Allah akanya ide n'aho koba kangana n'ikoma ry'urugohe. Ntibirekuwe ku mwislamu ko yotumbera ikitari Imana Allah Nyenicubahiro nta ngere mu kuzirikana itunganywa ry'ikintu na kimwe mu bikorwa vyo kuyiyegereza; nko gusaba, gusenga, kwiyemeza gukora ikintu runaka (nadhiri), gukerera (dhab-hu), gutinya (khawfu), kwizera (rajaa-u), kwishimikiza (tawakkulu), n'ibindi bitari ivyo mu bikorwa vyo kwiyegereza Imana Allah, vyaba ibiboneka (bikorwa n'ibihimba vy'umubiri) canke ibitaboneka (bikorwa n'umushaha). Uwo wese rero yogira ico akoreye ikitari Imana Allah muri ivyo bikorwa, aba abangikanije Imana Allah.

5. Icaha rutura kinahambaye kuruta ibindi vyose, ni ibangikanyamana. Uwo wese rero apfuye akibangikanya Imana Allah, ni ukuri Imana Allah Yaramaze kuziririza kuri we kwinjira Ubwami bw'ijuru, ubushikiro bwiwe ni mu muriro udahera. Ibangikanyamana rero, ni icaha kitababarirwa n'Imana Allah mu gihe umuntu yopfa akiyibangikanya, akaba atigeze yigaya kuri nya caha.

6. Igihushije ikiremwa ntikigishikire, ntikiba cari kugishikira; ikigishikiye na co, ntikiba cari kugihusha. Umwislamu rero, ategerezwa kwemera ivyagezwe n'Imana Allah kuri we hamwe n'ishirwa mu ngiro ryavyo, akanishimira ivyagezwe kuri we, akanashimira Imana Allah ku bimushikiye uko biri kwose.

7. Umuvugishwamana wacu Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ni we mwiza w'ibiremwa, akaba n'umuhetuzi w'Abavugishwamana bose, ni n'umuvugizi azovugira ibiremwa akumvirwa ku musi w'izuka, Imana Allah Yamugize umukunzi w'intore nka kurya Yagize Ibrahimu (nyakugira amahoro y'Imana Allah) umukunzi w'intore.

8. Igitabu cacu, ni Qor'ani ntagatifu; igitangaro cananiranye kwiganwa; ic'ukuri kuzira amakenga; isomwa ryaco rirahemberwa; Imana Allah Nyenicubahiro ntangere Yakimanuriye Umuvugishwamana wacu Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), Igicishije kuri Jibrili (nyakugira amahoro y'Imana Allah) umwiza w'abamalayika bose; kandi ni ukuri, Imana Allah Nyenicubahiro ntangere Yaramaze kukibungabunga mu kudakomwakomwako ngo gihindagurwe canke ngo hagire igikuwemwo kibure ngo congerwemwo. Imana Allah Nyenukuninahazwa Ikaba Yemeza ivyo, aho Ivuga Iti:﴿ إِنَّا نَحْنُ نَزَّلْنَا الذِّكْرَ وَإِنَّا لَهُ لَحَافِظُونَ﴾ ﴾Mu vy'ukuri ni Twebwe Allah, Twahishuriye Qor'ani Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), kandi ni Twebwe nyene Twishinze kuyibungabunga; nta kizokwongerwamwo nta n'ikizokurwamwo, eka ntizogenda amazimayongo﴿.(Al-Hijru: 9).

11. Umutoni gusumba abantu bose ku Mana Allah, ni uwuyumvira kubarusha akanarushirizaho kwubahiriza amabwirizwa yayo kuruta. Nta butore bw'Umwarabu ku wutari Umwarabu, nta butore kandi bw'uwutari Umwarabu ku Mwarabu. Vyongeye, nta butore bw'Uwera ku Mwirabure, eka nta n'ubutore bw'Umwirabure ku Wera, kiretse ubutore bushingiye kw'igamburukiramana. Burya abantu bose bakomoka kuri Adamu; Adamu na we akaba yaremwe mw'ivu. Imana Allah Nyenukuninahazwa Yavuze Iti:﴿ إِنَّ أَكْرَمَكُمْ عِنْدَ اللَّهِ أَتْقَاكُمْ﴾ ﴾Mu vy'ukuri, intore muri mwebwe isumba abandi ku Mana Allah, ni umugamburukiramana muri mwebwe gusumba abandi. Mu vy'ukuri Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Muhetuziwavyose﴿.(Al-Hujuraatu: 13).

12. Umwislamu, yemera ko hariho abamalayika beranda, bandika ibikorwa vy'ibiremwa, akemera kandi ko nya bamalayika ari ibiremwa vyaremwe n'Imana Allah. Imana Allah Nyenicubahiro nta ngere Yabaremye mu muco, muri bo ni nka Jibrili ajejwe ihishurwa ry'amabwirizwa, Mikayeli ajejwe igwishwa ry'imvura, Israafiili ajejwe ivuzwa ry'inzamba, hamwe rero na Malaku l-mawti ajejwe urupfu rw'ibiremwa.

13. Umwislamu, yemera ko hariho ibimenyetso vy'umuzo w'umuhero w'isi, umuzo wa Masiihi Dajjaal, imanuka kw'isi rya Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y'Imana Allah) mu bihe vy'iherezo, hamwe n'iserukira ry'izuba mu burengero bwaryo.

14. Umwislamu, yemera ko hariho ibihano vyo mu mva ku wukwiye kubihabwa; n'uko hariho amahirwe yo mu mva ku wukwiye kuyahabwa. Aranemera n'uko abamalayika Mun-kari na Nakiiri babaza umuntu mu mva yiwe, ku bijanye n'Imana yiwe Rurema, Iyo ari Yo; ku bijanye n'idini ryiwe, iryo ari ryo; n'Umuvugishwamana wiwe, uwo ari we. Aranemera n'uko imva iba ari ikibanza c'amahirwe mu bibanza vyo mu Bwami bw'ijuru (ku mwemeramana), canke ikaba ikinogo c'amagorwa mu binogo vyo mu muriro udahera (ku mugarariji).

15. Umwislamu, yemera ko hariho izurwa ry'ibiremwa, akemera n'uko ibiremwa bizohemberwa ivyo vyakoze ku musi w'izuka; arongera akemera kandi ko Ubwami bw'ijuru n'umuriro udahera ko vyaremwe, bitayeko ko bizokwamaho ibihe bidahera.

16. Ukuroga, ni ukugarariza Imana Allah. Ntibirekuwe rero kwiga uburozi, kuja kwivuza ku barozi canke ku bafyitirizi, kandi umwislamu ntiyemera umupfumu canke rumenyi; uwuhirahiye rero akabemera, ni ukuri aba agararije ivyahishuriwe Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah).

17. Umwislamu, abwirizwa gukunda ingendanyi z'intumwa (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), agakunda abazikunda akanka akankiriza abazanka, kuko ukuzikunda kuri mu biranga idini n'ubugwaneza; ukuzanka na kwo, kukaba ari ubugarariji n'uburyarya. Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Ntimugatuke ingendanyi zanje!"(Yashikirijwe na Muslimu). Uwo wese rero, yihaye gutyoza canke kunegura n'imwe mu ngendanyi (Imana Allah Izishimire), aba ari impuvyi yadukanye ingeso itigeze iranga abakurambere bacu mu kwemera.

18. Umwislamu, yemeza ko mu nyuma y'Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), uwari akwiye uburongozi gusumba abandi ari Abu Bakari As-Swiddiiq (Imana Allah Imwishimire), hanyuma hagakurikira Omari mwene Al-Khattwaabi (Imana Allah Imwishimire), hanyuma agakurikirwa na Uthmaani mwene Affaani (Imana Allah Imwishimire), hanyuma hagahereza Ali mwene Abu Twaalib (Imana Allah Imwishimire); abo rero bakaba ari bo ba samuragwa b'Intumwa y'Imana, bakaba n'indongozi z'intungane.

19. Ibikorwa vyo kwiyegereza ku Mana Allah, bishingwa n'Imana Allah n'Intumwa yayo, ntibirekuwe rero kwiyegereza Imana Allah mu gukora ikintu na kimwe kiretse mu gihe coba carashinzwe n'Imana Allah mu Gitabu cayo Qor'ani canke mu nyigisho no mu migenzo vy'intumwa; igikorwa ico ari co cose co kwiyegereza Imana Allah, cadukanwe n'abantu mu nyuma y'Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), hatisunzwe uburongozi bwayo, kiba ari icadukano kigaruka ku wacadukanye. Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Uwuzokwadukana igikorwa ico ari co cose kitari mu vyo twigishije, kizomugarukako (ntikizokwemerwa)". Yashikirijwe na Al-Bukhaariyyu.

18. Iyakirwa ry'ibikorwa vyo kwiyegereza Imana Allah, rishimikiye ku nkingi zibiri ntahara, akaba ari na zo mushinge wa vyose, na zo zikaba ari: izirikanamana (Ikhlaaswu) hamwe n'iyubahirizwa ry'ishirwa mu ngiro ryavyo hisunzwe ukungene Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yabikora (mutaaba'a). Nta gikorwa na kimwe rero cemerwa iyo kitagira izirikanamana, eka nta n'igikorwa cemerwa iyo kitisunze uburongozi bw'Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah).

UKURORANIRWA KWANJE KURI MW'IDINI RY'UBWISLAMU

Imana Allah Nyenicubahiro nta ngere Yavuze Iti:﴿ مَنْ عَمِلَ صَالِحًا مِنْ ذَكَرٍ أَوْ أُنْثَى وَهُوَ مُؤْمِنٌ فَلَنُحْيِيَنَّهُ حَيَاةً طَيِّبَةً وَلَنَجْزِيَنَّهُمْ أَجْرَهُمْ بِأَحْسَنِ مَا كَانُوا يَعْمَلُونَ﴾ ﴾Uwukoze iciza rero, yaba umuhungu canke umukobwa, akaba yemera n'Imana Allah hamwe n'Intumwa yayo, ni ukuri Tuzomuha ubuzima bwiza bw'iteka n'itekane kw'isi n'aho yobaho akenye; kandi ni ukuri mu buzima bw'inyuma yo gupfa, azoba ari mu bo Tuzohemba indishi yabo nziza ibereye ku vyo bari barakoze﴿(An-Nahl: 97).

Biri mu bintu bihambaye bitera akamwemwe, umunezero no kuroranirwa mu mushaha w'umwislamu, kuba yishikira ku Mana yiwe Rurema Allah ata muhuza ari hagati yiwe n'Imana yiwe Rurema (ata muntu arinze gucako), yaba mu bakiri bazima, mu bapfuye canke mu mizimu n'ibishusho (ibibazano), kuko Imana Allah Yonyene Yaravuze mu Gitabu cayo gitagatifu ko Yama Iri hafi cane y'abaja bayo ibihe vyose, ko Ibumva Ikanabakirira n'ibisabo vyabo. Imana Allah Nyenukuninahazwa Yavuze Iti:﴿ وَإِذَا سَأَلَكَ عِبَادِي عَنِّي فَإِنِّي قَرِيبٌ أُجِيبُ دَعْوَةَ الدَّاعِ إِذَا دَعَانِ فَلْيَسْتَجِيبُوا لِي وَلْيُؤْمِنُوا بِي لَعَلَّهُمْ يَرْشُدُونَ﴾ ﴾Muvugishwamana! Abaja banje Jewe Allah nibakubaza ku binyerekeye, urabishura ko Jewe mu vy'ukuri Ndi hafi yabo cane. Ndishura igisabisho c'umusavyi iyo ansavye. Kubera ivyo rero, nibanyumvire banyemere kugira ngo bafate inzira yo kuroranirwa kw'isi no mu buzima bw'inyuma yo gupfa*﴿(Muri iyi Aayah, harimwo icemezo c'uko Imana Allah Iri hafi cane y'abaja bayo mu buryo buberanye n'icubahiro cayo).(Al-Baqara: 186).Imana Allah Nyenukuninahazwa Yaranadutegetse kuyisaba, Iraheza Igira iki kintu co gusaba, kimwe mu bikorwa bihambaye umwislamu akora mu kuyiyegereza. Aho Yavuze Iti:﴿ وَقال رَبُّكُمُ ادْعُونِي أَسْتَجِبْ لَكُمْ إِنَّ الَّذِينَ يَسْتَكْبِرُونَ عَنْ عِبادَتِي سَيَدْخُلُونَ جَهَنَّمَ داخِرِينَ ﴾ ﴾Bantu! Imana yanyu Rurema Allah Yavuze Iti: "Nimunsabe mutambangikanya na kimwe mu biremwa, maze Ndabahe ivyo musavye; mu vy'ukuri, abagira amanyama mu kuticisha bugufi ngo banyiyegereze mu vyo bakora banansenge Ndi Imana Imwe Rudende, bazokwinjira mu muriro wa Jahannamu basuzuguritse"﴿(Ghaafir: 60).Umwislamu w'umweranda rero, igihe cose yama nantaryo akeneye Imana yiwe Rurema Allah, akama yayitakambiye ayisaba, ayitoneshako mu gukora ibikorwa vyiza bitegetswe (ibikorwa nyobokamana).

Ni ukuri, Imana Allah Nyenicubahiro nta ngere, Yadushize kuri iyi si mu ntumbero nziza ihambaye, kandi ntabwo Yaturemye mu gufyinata, ahubwo Yaturemye kugira tuyisenge ari Imwe Rudende ata kuyibangikanya n'ikintu na kimwe mu biremwa, maze Idushingira idini rihurikiyemwo vyose vya nkenerwa mu gutunganya ibijanye n'ubuzima bw'umwumwe wese ku gatwe kiwe, n'ubw'abantu bose muri rusangi; gutyo Itubungabungira ibintu nyamukuru ntahara mu buzima, na vyo bikaba ari idini ryacu, ubuzima bwacu, ivyubahiro vy'imiryango yacu, ubwenge bwacu hamwe rero n'amatungo yacu. Uwubayeho rero yubahiriza amabwirizwa y'Imana Allah, yiyubara gukora ivyo yabujijwe, ni ukuri aba abungabunze ibi bintu nyamukuru ntahara mu buzima, kandi araheza akabaho mu mahirwe, mw'ituze, mw'iteka n'itekane mu buzima bwiwe bwose.

Ikintu cunga umwislamu ku Mana yiwe Rurema Allah, gituma agira ituze no kuremurukirwa ku mutima, akagira iteka n'itekane n'akamwemwe mu buzima, akumva ko yamana n'Imana yiwe Rurema Allah mu bubungabunzi no mu buhagarikizi bwayo mu vyiwe vyose. Imana Allah Nyenicubahiro nta ngere Yavuze Iti:﴿ اللَّهُ وَلِيُّ الَّذِينَ آمَنُوا يُخْرِجُهُمْ مِنَ الظُّلُمَاتِ إِلَى النُّورِ﴾ ﴾Imana Allah ni Yo Muhagarikizi w'abemeramana mu kubatabara no mu kubabungabunga, Ibakura mu muzimagiza w'ubugarariji Ikabaganisha mu muco w'ukwemera﴿(Al-Baqara: 257).

Ukwo kwiyunga n'Imana Allah guhambaye rero, gutuma umwislamu yiyumvamwo ko aryohewe n'ibikorwa akora mu kwiyegereza Nyenimpuhwe, akagumana igishika cinshi co guhura na We, maze akarara mw'ijuru ry'amahirwe kubera uburyohe n'akanovera yumva k'ukwemera.

Ubwo buryohe bw'ukwemera rero, nta wushobora gusigura akanovera kabwo uko kameze, kiretse uwabuhonjeje biciye mu kwubahiriza ibitegetswe no mu kwitandukanya n'ibibujijwe, ni na co gituma Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati:(ذاق طعم الإيمان من رضي بالله ربًا وبالإسلام دينًا وبمحمد رسولًا) "Yarahonjeje uburyohe bw'ukwemera, uwo wese azokwishimira Imana Allah kuba ari Yo Mana yiwe Rurema, akishimira n'ubwislamu kuba ari ryo dini ryiwe, akishimira na Muhamadi kuba ari we Ntumwa yiwe".Yashikirijwe na Muslimu.

Ni vyo koko, iyo umuntu yiyumvamwo ko igihe cose aba ari imbere y'Imana yiwe Rurema Allah, akayimenya ku mazina no ku matazirano yayo meza, akayisenga n'umutima mu nda nka kurya yoba ayibona imbere yiwe, maze ivyo vyose akabigira afise izirikanamana ry'ukuri, atabigira ku bw'ikindi kintu kitari Imana Allah, uwo muntu araheza akabaho ubuzima bwiza aroraniwe kw'isi, akazogira n'iherezo ryiza mu buzima bw'inyuma yo gupfa.

Eka n'ivyago bishikira umwemeramana kw'isi, ni ukuri ihungabanya ryavyo kuri we ha kumuca ivutu, ahubwo ricika ihumure ry'ukwemera nya kwemera, n'ukwishimira ivyagezwe n'Imana Allah kuri we, akarangwa n'ukuyishimagiza kuri vyose bimushikiye, vyaba ivyiza canke ibibi, maze vyose akavyakirana umutima ushima.

Biri no mu bisabwa ku mwislamu kugira yame mu mahirwe no mw'iteka n'itekane, kwitwararika cane itazira n'ininahazamana, hamwe rero no gusoma Qor'ani ntagatifu. Imana Allah Nyenicubahiro nta ngere Yavuze Iti:﴿ الَّذِينَ آمَنُوا وَتَطْمَئِنُّ قُلُوبُهُمْ بِذِكْرِ اللَّهِ أَلَا بِذِكْرِ اللَّهِ تَطْمَئِنُّ الْقُلُوبُ﴾ ﴾Abemeye Imana Allah, maze imitima yabo igatururuzwa n'itazira n'ininahazamana. Bantu, nimwumve mwumvireho! Burya, imitima itururuzwa n'igamburukiramana hamwe n'itazira n'ininahazamana"(Ar-Ra'du: 28).Uko rero umwislamu arushirizaho kuninahaza no gutazira Imana Allah hamwe no gusoma Qor'ani, ni ko imigenderanire yiwe n'Imana Allah Nyenicubahiro nta ngere yiyongera kuruta, maze igatsimbatara; akeza umutima wiwe, n'ukwemera kwiwe kugakomantara (kugakomera).

Birakenewe ku mwislamu kandi ko yitwararika ukwiga ibijanye n'idini ryiwe, abikuye mu masoko yemewe y'ubumenyi, kugira ashobore kwiyegereza Imana Allah azi neza ivyo akora. Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati:"Ukurondera ubumenyi, ni itegeko ku mwislamu uwo ari we wese".Yashikirijwe na Ibnu Maajah.Biranakenewe ko umwislamu yicisha bugufi mu kwubahiriza amabwirizwa y'Imana Allah Yo Yamuremye, yaba atahura intumbero y'icatumye nya mabwirizwa ashingwa canke atazi intumbero y'ishingwa ryayo. Ni ukuri, Imana Allah Nyenicubahiro nta ngere, Yaravuze mu Gitabu cayo gitagatifu Iti:﴿ وَمَا كَانَ لِمُؤْمِنٍ وَلَا مُؤْمِنَةٍ إِذَا قَضَى اللَّهُ وَرَسُولُهُ أَمْرًا أَنْ يَكُونَ لَهُمُ الْخِيَرَةُ مِنْ أَمْرِهِمْ وَمَنْ يَعْصِ اللَّهَ وَرَسُولَهُ فَقَدْ ضَلَّ ضَلَالًا مُبِينًا﴾ ﴾Nta ho vyakabaye mu gihe Imana Allah n'Intumwa yayo bashinze ingingo, ko umwemeramana n'umwemeramanakazi baca kubiri na nya ngingo bakishirira ahabo. Uwo wese rero agabitaniye Imana Allah n'Intumwa yayo, ni ukuri aba ari mu muzimagiza ugaragara uri kure cane y'ukuri﴿(Al-Ahzaabu: 36).

Harakagira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah, Umuvugishwamana wacu Muhamadi, umuryango wiwe hamwe n'ingendanyi ziwe zose.

INCAMAKE Y'IGITABU C'INYIGISHO NGIRAKAMARO KU MWISLAMU

INTANGAMARARA

INTUMBERO Y'IREMWA RY'IBIREMWA (Amajini n'abantu)

IMANA YANJE RUREMA NI ALLAH

MU MAZINA YAYO MEZA

UMUVUGISHWAMANA MUHAMADI (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah)

MUMAHADI (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), NI yo mpuhwe ku biremwa, ikaba kandi n'imboneza.

MU BIRANGA UMUVUGISHWAMANA MUHAMADI (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah):

QOR'ANI NTAGATIFU, NI AMAJAMBO Y'IMANA YANJE RUREMA ALLAH

IDINI RYANJE NI UBWISLAMU

URWEGO RWA MBERE: UBWISLAMU

INKINGI Z'UBWISLAMU

INKINGI YA MBERE: "SHAADATU AL- LAA ILAAHA ILLA LLAAHU WA-ANNA MUHAMMADAN RASUULU LLAAH" (Kwatura ku rurimi bivuye ku mutima, wemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah, n'uko Muhamadi ari Intumwa yayo).

INKINGI YA KABIRI: "IQAAMU SSWALAAT" (Gutsimbataza isengesho)

INKINGI YA GATATU: "IITAA-U ZZAKAAT" (Gutanga ishikanwa-bwirizwa (Zakkat))

INKINGI YA KANE: "SWAWMU RAMADWAAN" (Ukwipfunga ukwezi kwa Ramadhani)

INKINGI YA GATANU: "HAJJU BAYTI LLAAHI L-HARAAM" (Ugushengerera ingoro ntagatifu y'Imana Allah)

URWEGO RWA KABIRI: "AL-IIMAANU" (Ukwemera)

INKINGI Z'UKWEMERA

INKINGI YA MBERE: UKWEMERA IMANA ALLAH

INKINGI YA KABIRI: UKWEMERA ABAMALAYIKA

INKINGI YA GATATU: UKWEMERA IBITABU

INKINGI YA KANE: UKWEMERA INTUMWA

INKINGI YA GATANU: UKWEMERA UMUSI W'IHEREZO

INKINGI YA GATANDATU: UKWEMERA IVYAGEZWE N'ISHIRWA MU NGIRO RYAVYO, IVYIZA N'IBIBI

INTAMBWE YA GATATU: UBUGWANEZA "AL-IHSAAN":

ISUKU RY'UKWIHUMANURA

ITUNGANYA RY'ISUKU RYO GUSENGA:

Ubw'icumi: Biri mu migenzo y'intumwa, ko umwislamu iyo ahejeje gutunganya isuku ryo gusenga, avuga ati: "ASH-HADU AL-LAA ILAAHA ILLA LLAAHU WAHDAHUU LAA SHARIIKA LAHU, WA-ASH-HADU ANNA MUHAMMADAN ABDUHU WARASUULUH. ALLAHUMMA J-'ALNII MINA TTAWWAABIINA WA J-'ALNII MINA L-MUTATWAHHIRIINA", (Ndemeye ku mutima wanje, ndavyatuye n'ururimi rwanje nemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa vy'ukuri atari Imana Imwe Rudende Allah Itabangikanywa. Ndemeye kandi ku mutima wanje, ndavyatuye n'ururimi rwanje nemanga ko Muhamadi ari Umuja n'Intumwa yayo. Mana yanje Nzima! Nshira mu bantu bigaya, Unshire no mu bantu barangwa n'isuku ry'umutima n'umubiri). Ivyo bikemezwa n'inyigisho y'intumwa, aho Intumwa (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Uwutunganije isuku ryo gusenga maze akaritunganya neza, hanyuma agaca avuga ati: "ASH-HADU AL- LAA ILAAHA ILLA LLAAHU WAHDAHUU LAA SHARIIKA LAHU, WA-ASH-HADU ANNA MUHAMMADAN ABDUHU WARASUULUH. ALLAHUMMA J-'ALNII MINA TTAWWAABIINA WAJ-'ALNII MINA L-MUTATWAHHIRIINA", aca yugururirwa imiryango umunani y'Ubwami bw'ijuru, akazobwinjira aciye mu muryango ashatse muri yo". Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy.

UGUHANAGURA KURI "KHUFFU*" NO KU MASHESHETI*KHUFFU, ni amashesheti akozwe mu rusato.

UKWIYUHAGIRA

UKWIHUMANUZA IVU (TAYAMMUM)

ISENGESHO

UKWITEGURIRA ISENGESHO

UKWITWIKIRA KW'UMUKENYEZI W'UMWISLAMUKAZI

ZIMWE MU NYIFATO N'IMIGENZO VY'UMWEMERAMANA

AMABWIRIZWA AHAMBAYE MU BIJANYE N'UKWEMERA KW'UMWISLAMU

UKURORANIRWA KWANJE KURI MW'IDINI RY'UBWISLAMU